Incamake

ENS : Umwaka w’ishure wa kaminuza 2017-2018 ugiye gutangura.

Yanditswe na Oscar NDAYISHIMIYE
Kuya 23 mars 2018 saa 02:08
6960
0 0

Umwaka w’ishure wa kaminuza 2017-2018 mw’ishure nderabigisha ENS ugiye gutangura ku banyeshure bahejeje amashure yisumbuye mu mwaka wa 2016.

Umuyobozi w’ishure nderabigisha ENS, Pr.Ir NUSURA Hassan amenyesha ko umwaka wa kaminuza 2017-2018 ku banyeshure bari bamaze igihe biyandikishije kuri iryo shure mu mwaka wa mbere ugiye gutangura ku musi wa mbere igenekerezo rya igenekerezo rya 2 Ndamukiza 2018.

Pr.Ir NUSURA Hassan, amenyesha kandi ko, amategeko agenga abo banyenshure bashasha kubijanye n’itegeko nshikiranganji ribaha ingurane y’agafashanyo yiswe ”pret-bourse”, bazoyamenyeshwa batanguye kwiga.

Abo banyeshure bagiye gutangura mu mwaka wa mbere, bari bamaze igihe kitari gito biyandikishije kuri iryo shure barindiriye ko bahamagarwa ngo batangura ivyigwa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha