IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Evariste NDAYISHIMIYE : "Ibibazo bisigaye ntibisaba umuhuza"

Evariste NDAYISHIMIYE : "Ibibazo bisigaye ntibisaba umuhuza"

vendredi 7 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Evariste NDAYISHIMIYE amenyesha ko ibiganiro bisigaye mu Burundi ni ibiraba amatora, iterambere, ivyo navyo akavuga ko bizokwama biganirwako. Ku bwiwe, intango y’ibiganiro vyatunganirijwe i Arusha yari uruhagarara rwari mu Burundi.

"Vyari ngombwa ko haba ibiganiro kuko hari n’abari hanze bategerezwa kuja muri ivyo biganiro."
, uko niko umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD asigura, akavuga ahubwo ko ubu hageze gushira mu ngiro ivyavuye mu biganiro bihuza Abarundi bitunganijwe n’umurwi CNDI.

Umugambwe CNDD FDD wasavye ko umuhuza Benjamin William MKAPA yoza mu Burundi, agatanga icegeranyo c’aho agejeje igikorwa cahawe, kuko nk’uko bivugwa na Evariste NDAYISHIMIYE, hageze ko abarundi bitunganiriza ibibazo vyabo.

Muri uwo mugambwe bagiriza abandikiye umuhuza ko barangwa n’agatima k’ukwanka amatora, bakagiriza kandi ko abo bandikiye umuhuza ari abantu babuze ico bavuga kubera imigambi yabo igayitse bahora banyegeje iriko iraja ahabona. Evariste NDAYISHIMIYE ati : "Ibibazo bisigaye ntibisaba umuhuza.".

JPEG - 42.6 ko
Umunyamanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD Evariste NDAYISHIMIYE

Egide NDUWIMANA

Messages

  • Iyimbonerakure irateye agahinda! Aha yashize agati muryinyo ngo amabi ubutegetsi bw’icaduka bwabo bwirirwa burakora ko bizijana! izo nindoto! God damn him

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.