Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Evariste NDAYISHIMIYE : "Ico ni ikibazo c’ikoraniro Kaminuza ry’umugambwe" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Evariste NDAYISHIMIYE : "Ico ni ikibazo c’ikoraniro Kaminuza ry’umugambwe"

Evariste NDAYISHIMIYE : "Ico ni ikibazo c’ikoraniro Kaminuza ry’umugambwe"

samedi 13 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu murwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bihuza Abarundi (CNDI) basohoye kuri uwu wa gatanu icegeranyo ca nyuma c’ivyavuye mu biganiro uwo murwi wagiranye n’abarundi. Umurwi CNDI wamenyesheje muri ico cegeranyo ko abarundi benshi babajijwe bavuze ko bikenewe ko ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi rihinyanyurwa, kugira rijane n’ibihe Uburundi burimwo. Kuri uwu wa gatanu nyene, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yashizeho umurwi ujejwe kwihweza ivyohinduka mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi babona ko ukwo guhindura ibwirizwa shingiro ata kindi kugamije, atari ugukuramwo ibijanye n’ibiringo vy’umukuru w’igihugu, kugira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yigumize ku butegetsi. N’umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bihuza Abarundi washikirije ko benshi mubo baganiriye, basavye ko umukuru w’igihugu yotwara imyaka yose azoba yatowe, ata biringo bihari.

Mu mugambwe CNDD FDD usanzwe ukomokamwo umukuru w’igihugu NKURUNZIZA bavuga ko batarakorana kugira barabire hamwe ko bikenewe ko ibiringo vy’umukuru w’igihugu vyokurwa mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.

Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe avuga ko ico kibazo atari iciwe nk’umukuru w’umugambwe, ahubwo ko ari ikoraniro Kaminuza ry’uwo mugambwe rikorana rikaraba ibikenewe. Naho uwo mugambwe umenyesha ko utariga ikibazo c’ibiringo vy’umukuru w’igihugu, Evariste NDAYISHIMIYE avuga ko muri CNDD FDD bashigikiye ingingo ya Reta y’Uburundi y’ugushiraho umurwi wiga ingingo zimwe zimwe zohinyanyurwa muri iryo bwirizwa shingiro.

JPEG - 229.6 ko
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD

NDUWIMANA

Messages

  • Nimba Amerika, Ubufaransa, Ubwongereza n’ibindi basanze gushira ibiringo mwibwirizwashingiro arivyo bibaha amahro, ariko biramaze kugaragarako muri Afrika biduteranya nibazako bifatiye kuri kahise kacu kintwaro za cami murabonako ivyreye abazungu bitari kutwerera. Nibza rero dufate umwanya erega nabo bafashe umwanya, nkako revolution francaise yafashe umwanya ungana iki, yahitanye abaniki? Il ne faut pas bruler les etapes, twihoze ivyibiringo nitwamara kumva neza democratie tukayitandukanya n’imigumuko n’ubwicanyi, bizotworohera gushiraho ibiringo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.