FDP isaba abanyapolitike bahunze igihugu gutahuka

Yanditswe na IGIHE
Kuya 11 janvier 2017 saa 08:41
Yasomwe : 13365
0 0

Umukuru w’urunani rw’imigambwe ya politike ikorera mu Burundi FDP
Alain Diomède NZEYIMANA ahamagarira abanyepolitike bahunze igihugu gutahuka,kugira bategurire hamwe amatora y mu mwaka wa 2020.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru Alain Diomède NZEYIMANA amenyesha ko bikenewe ko abarundi bahunze igihugu bataha gufashanya n’abavukanyi babo mu guteza imbere igihugu cabibarutse.
Ku bijanye n’ibiganiro bihuza abarundi ,umukuru w’urunani FDP amenyesha ko abanyepolitike bari hanze y’igihugu (...)

Umukuru w’urunani rw’imigambwe ya politike ikorera mu Burundi FDP
Alain Diomède NZEYIMANA ahamagarira abanyepolitike bahunze igihugu gutahuka,kugira bategurire hamwe amatora y mu mwaka wa 2020.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru Alain Diomède NZEYIMANA amenyesha ko bikenewe ko abarundi bahunze igihugu bataha gufashanya n’abavukanyi babo mu guteza imbere igihugu cabibarutse.

Ku bijanye n’ibiganiro bihuza abarundi ,umukuru w’urunani FDP amenyesha ko abanyepolitike bari hanze y’igihugu bakurikiranwa n’ubutungane badashobora gutaha no kuvyitaba batarishura ku vyaha bakoze.

Ivyo yabishikirije mu gihe umuhuza mu matati y’abarundi Benjamin Mkapa aheruka gusohora ubutumire bwo kuja guhanahana ivyiyumviro inyuma y’igenekerezo rya 16 Nzero 2016.


Kumenyekanisha

1
Toto Kazungu. 16-01-2017 à 08:10

Yewe wanyoye ibiyeri vyishi nivyo biriko birakuvugisha kabisa ! mbe wocika kwicumu, ukongera kunyicumitako uribona ?, bazoba baraza bitonze, kuko naboba baje,nkurunziza yobisasira.

2
TINYA 12-01-2017 à 19:20

Uragwaye ga wamuga ?mbe barya ubita abana ?rindira badukomeshe !izuba riratwishe nabo inda ziruzuye.ahubwo pita nabwigwe yumve cank bamufatishe iminwe.erega CNARED muzoyitumako mutabona imbere n’inyuma.

3
Hutsi 11-01-2017 à 17:39

Irishirahanwe ndashigikiye ivyorivuze, kuko abagirizwa gukora amabi mubiherutse nimba baziko barenganye nibishikane mubutungane maze baburane batsinde bezwe babonereho kubandanya kujamubiganiro nkabandi.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha