Fizzo ft Peter Niyo: Amajambo baririmba ntahuye n’ibiboneka mw’isanamu

Yanditswe na Cherif Nkeshimana
Kuya 7 Myandagaro 2017 saa 12:43
Yasomwe : 4869
0 0

Abaririmvyi babiri, Big Fizzo na Peter bashize ahabona isanamu y’ururirimbo "Warahindutse", ururirimbo rwakozwe n’umuhinyanyuzi Lizer Classic asigaye akorera ibikorwa vyiwe muri Tanzaniya. Amajambo avugwa muri mu ruririmbo ntahuye cane n’ibiboneka mw’isanamu.

Inyuma yo gukorwa n’abahinyanyuzi Guy Marley na Nick sad, isanamu y’ururirimbo "Warahindutse" imaze umwanya muto ishizwe ku mugaragaro. Isanamu ivugwamwo umukobwa yahindutse. Ivyo tuvyumva mu majambo ya Peter Niyo aho agira ati : "Ndakwibuka kera uko wari umeze, wari ishurwe rizira kwuma mu bihe vy’impeshi, wari amazi yo kw’iteke atari ay’inzuzi...none usigaye warahindutse, ntukinyerekwa namba. Nipfuza kumenya icabuze".

Dufatiye muri ako gace, uravye mw’isanamu haboneka Peter Niyo ari kumwe n’umwigeme basa n’abariko bayaga bongera batwenga.

Eka na Fizzo aririmba abaza icoba catumye uwo mwigeme ahinduka. Kiretse agace gato kaboneka Peter Niyo n’uwo mwigeme asa n’uwushavuye, ntahandi biboneka ko uwo mwigeme yoba yarahindutse ugereranije n’uko Fizzo na Niyo bamuzi kera.

Tubamenyeshe ko iyo sanamu "Warahindutse" isohotse inyuma y’ikiringo gito cane, Fizzo asohoye isanamu y’ururirimbo "Urambabaza". Vyumvikana ko Fizzo ariko akora cane muri iyi minsi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha