Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Poritike
Gashatsi : "Igikorwa co kwiyunga kigeze ku ntambwe ishimishije"
Yanditswe taliki ya 13-02-2017 - isaha 18:36' na IGIHE

Umukuru w’umugambwe UPRONA wemewe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko hari abanywanyi b’umugambwe bari bahevye umugambwe bamaze gusaba ko bosubira kwakirwa kandi bakiriwe.

Abel GASHATSI arongoye umugambwe UPRONA avuga ko mu bamaze gusaba kugaruka mu mugambwe ari abari bagiye mu runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, mu matora yo mu mwaka wa 2015.

Umukuru w’umugambwe UPRONA amenyesha koyamaze kuvugana n’abahoze barongoye umugambwe UPRONA kugira bafashe mu gikrwa co gusubiza hamwe abanywanyi b’umugambwe UPRONA.

Abel GASHATSI arongoye umugambwe UPRONA amenyesha ko yizeye ko mu ntara zose z’igihugu ,igikorwa co gusubiza hamwe abanywanyi b’umugambwe UPRONA kizoshoboka.

Ivyiyumviro vyanyu

REKA GUHENDA ABARUNDI SHA !

14.02.2017 à 08:32
MURUNDI NYAKURI

Reka kwidigadiga mbega uwoza muri uprodd yoba aje kuharondera iki ? Ni mw’ibuye mukwaha munuranure muhore

14.02.2017 à 08:06
barajos

N’INDA NDENDE YABITEYE

14.02.2017 à 08:06
TWIZEYE

Nukuri iyonkiru ivuzwe kumugambwe UPRONA iranezereje,
Ubundarindiriye kuzokwumva iyindinkuru nkiyo kuba FNL,
Canke FRODEBU.

14.02.2017 à 05:45
.

Nn nkahamwe nyakwigendera umuganwa atari umugani nyenicubahiro Louis RWAGASORE mworonka ahomukwirwa ?umugambwe muragiye ngaho muranyenyaguyeee !ariko muribagira ko arimpfura y’iyindi migambwe ?ariko mupfiki ?

13.02.2017 à 21:36
Athanas

mubanze mubabaz icar catumy bagend

13.02.2017 à 20:38
eloge

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.