Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Georges NIKIZA :“Ibiharuro vya Ego canke Oya sivyo duhagararako. (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Georges NIKIZA :“Ibiharuro vya Ego canke Oya sivyo duhagararako. (...)

Georges NIKIZA :“Ibiharuro vya Ego canke Oya sivyo duhagararako. ”

mardi 22 mai 2018

Georges NIKIZA avugira umugambwe RANAC mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru yavuze ko badaharira ku biharuro vyatanzwe vyavuye mu matora kuko uko vyagenze kwose abanyagihugu batoye kandi ico batoye arico nyene.

Georges NIKIZA yavuze ati :“ Ntiduharira ku biharuro,abanyagihugu baratoye ico batoye n’ico nyene kandi umurwi CENI urafise uburenganzira bwo kumenyesha ivyavuye mu matora.

Muri ico kiganiro, Georges NIKIZA, yamenyesheje ko ivya Ego canke Oya vy’ibwirizwa nshingiro batabishimikirako cane ico bariko baritegurira ubu ari amatora yimirije ya 2020.


BIKOIMANA Vianney

Messages

  • Igihanze uburundi ntabwo ari amatora, ubuke canke ubwinshi bw’abatutsi canke abahutu mu nzego z’igihu ahubwo nkuko ndiko ndavyerekana mu mwihwezo wa politike HINDUKE DUHINDURE UBURUNDI kizo, ishusho nari niteze siyo mbona ubu mu myaka irenga 50 duhayagiza ukwikukira.Abagenda barafata ubutegetsi bicara kubugabura aho kubanza kwicara bakiga ingene bohinduka imbere yo guhindura igihugu.

    Uko nari niteze ishusho y’uburundi kuva twikukiye :

    UKO NIHA ISHUSHO Y’UBURUNDI NARI NITEZE

    Bitari kera mu 1962 Uburundi bwarikukiye uburongozi buja mu minwe y’abarundi ubwabo, umuzungu arava mu bijanye no gutunganya igihugu mu bisata vyaco vyose, ibendera y’iciswe kwikukira iraduzwa iy’abanyamahanga iramanutswa.Nibaza ga ko kumanutsa ibendera y’abanyamahanga vyasigura guhamba amabi bakorera abarundi harimwo ikimoko, ikori riteza imbere bamwe, amacakubiri y’amoko, ya politike, guta agafuni gahamba inzirakarengane n’ibindi. Ntabwo nokwemeza ko ivyo indongozi nshansha vyose zakoze ari vyiza canke ngo mvuge ibice kw’ijana vy’ivyakozwe vyiza na bibi kuko atawurakora ubushakashatsi ngo ampe umuco ku kungene vyakozwe, ryari vyakozwe n’ababikoze twirinze gushigikira uyu canke uriya. Ariko ivyakozwe vyiza ndibaza icatumye bigenda birasambuka kandi umuzungu yari yagiye, nibaza ibibazo bitandukanye kukuntu ubutungane bwagiye burakora ku bijanye n’abasambuye iryo terambere hamwe n’abagiye barashira igihugu mu kaga bagihekura kuva twikukiye gushika uno musi. (1965, 1972, 1987, 1991, 1993-2001, 2005, 2010, 2015), nibaza abasinzikaje agateka ka zina muntu haba mu kwica, kwangaza, no gupfunga aho banyegeye nsaga igihugu ni ibenga nk’uko ba sogokuru barivumereye.
    Icibonekeje muri kahise k’igihugu ni uko havuzwe cane ibizo vy’ubwoko abize benshi ntabona neza ingene umuzungu twovuga ko yadusigaranye ikintu kibi tukakigumana mu mvugo no mu ngiro. Aha mundekure abariko barankurikirana nongereko ibibazo vy’intara vyahanze uburundi, amadini, ivya politike vyo ni agahomerabunwa kuko ntatahura na gato abantu bavuga ko baje guharanira ineza y’abanyagihugu ariko bakarangwa no gushihana, kuvangura, no gusubiza inyuma igihugu. Basa n’abanyamadini benshi bavuga ko baganisha abantu mw’ijuru ku Mana maze abenshi bakarangwa n’ukuryana, kutemerana no gusamburana aho kwubaka ibiraro bibahuza bakubaka ibihome bibatandukanya. Ubwo ni ubusazi buduhushisha intumbero nyakuri. Ese none ninde soko y’amabi abarundi bagiye baracamwo, ninde azocira urubanza uwundi ko bose bigira abere kandi icibonekeza kitonahishwa abantu barapfuye urw’agashinyaguro,barangazwa, barapfungwa haba mu bahutu canke mu batutsi, bamwe mbere bakiha uburenganzira bwo kwica no gucecekesha umurwi kanaka, abandi iyo hapfuye n’umwe muribo bikitwa ihonyabwoko, abandi iyo bishe bikitwa kwivuna, gukubura umwanda, gusafisha canke gupunguza kandi inzirakarengane arizo zimererwa nabi muri ako kajembegete. Aho reka ndahabangire.

    Mahatmat Gandhi yarwaniye ukwikukira mu buhindi ararwanya cane guha insiguro ubwicanyi ubwaribwo bwose aho avuga ko atansiguro nimwe woshobora gutanga ijanye no kuzimanganya ikiremwa muntu kw’isi.

    Bitari kera cane mu 1992 (Uburundi bwemeza umuzo w’ubwigenge bwo kumenyesha amakuru no guserura ivyiyumviro (ibinyamakuru vyinshi)) ndetse n’umuzo w’imigambwe myinshi. Imbere yaho kuva 1961 twikukiye n’inyuma yaho mu Burundi hari ibinyamakuru vyandika, vyaba ivyo binyamakuru vyanandika amajambo akomeye. Ndibuka inyandiko nyinshi zavuga ku butegetsi bwariho icyo gihe ; nkibaza uwahirahira akandika ari mu Burundi igihe c’umugambwe umwe n’ibinyamakuru biwegamiye na reta nkivyandikwa ico gihe uko vyagenda ! Aho ivyiwe ntivyaba amateka. Ndibuka kandi uno musi (2005- 2018) hari umugambwe umwe CNDD-FDD udashaka ko iyindi ibaho ingene uwandika canke akavuga ibitagenda neza afatwa.
    Bimwe muri ivyo binyamakuru hari ivyavuga ko abarundi bonse rimwe, basangiye akabisi n’agahiye. Ibindi bikavuga ko Uburundi ari igihugu c’amata n’ubuki ibindi bikipfuza Uburundi bushasha burangwamwo intwaro rusangi, ubutungane, iteka n’itekane kuri bose, ariko vyinshi muri ivyo bigakorera mu kwaha kw’ubutegetsi ibindi mu kinyegero imbere y’umuzo w’intwaro rusangi n’ubwigenge muvyo kumenyesha amakuru uno musi nfise vyinshi nonegura kuko bitagiye birubahirizwa n’indongozi.

    Inyuma y’ukwikukira rero natekereza ku bivugwa , nkabona bivuze ko ari Uburundi buha canke buzoha amahirwe angana abenegihugu bose, indongozi zikarongora igihugu mu shusho yazo, zikavuga amajambo ahuye n’ibikorwa,zikabanza kumenya kwitwara neza ubwazo imbere yo gutwara igihugu, zikabanza guhinduka ubwazo imbere yo kwiyumvira guhindura igihugu, zikavuga amahoro tubonesha amaso kandi tubayemwo atari ayabo n’ababo,abantu bagafatwa kumwe mu burenganzira bwabo.Ariko uko intwaro zagiye zirakurikirana kuva Uburundi bwikukiye, hari abemererwa gukora akazi keza mu bigo vyiza, kwiga mu bihugu vyateye imbere (Amerika n’Uburayi), hari abakingirwa n’amategeko abandi bakama mu karenganyo, hari abakingirwa n’inzego z’umutekano abandi bakitwa abansi b’igihugu, hari abari barekuriwe gufata imishahara minini no gutunga, hari abemererwa kuba mu bisagara, ...,hari abemererwa kwiga ibisata vyiza muri kaminuza y’igihugu, ntabwo nibaza ko ko ivyiza cane hari abo vyogenewe kurusha abandi !

    Nibwira ko ubishaka wese azakora ubucuruzi ashaka yubahirije amategeko, amasoko agatangwa habaye ihiganwa, hakaba hadasabwa imisoro y’umurengera canke ko atawuzobazwa inzuzi yambutse,agahorwa umugambwe arimwo, ubwoko bwiwe, intara yiwe… igihe yitura abajejwe kumutunganiriza, nibaza ko akadenderezo kazoba karangiye, ko atawuzosabwa ivyiwe kugahato ngo hari icyo bashaka kubikoresha !,uwubura irengero ry’uwiwe ntiyemererwe kugandara, umukobwa akaronka akazi atabanje gutanga umubiri wiwe, umuntu akaronka akazi adatanze igiturire, canke baravye umuryango aturukamwo, intara, ubwoko…,abategetsi sinumve baraguza, basambana, bavisha amaraso, ubona ibigenda nabi mu gihugu ntiyemererwe kwugurura umunwa akanategekwa kwugara amaso ntabone ukuri kw’ibiriko biraba. Eka muri make nibaza ko habwirizwa kuba uburenganzira bwa kiremwa muntu, abantu bagafatwa kumwe muri vyose na hose, abantu bakabana mu mahoro atagusumbana hagati y’abarundi bose igihugu kikarangwa n’iyubahirizwa ry’amategeko, maze ikinyoma, agasuzuguro, akarenganyo, akagaye no guhemuka bigasezererwa, imigani nka Umugabo ni uwurya utwiwe n’utw’abandi, Umwana w’uwundi yimba aguhisha ivu, n’iyindi ikazoba yahavuye. Ntabwo kandi nibaza ko hari abazemererwa kuba mu bisagara bonyene, kwubaka amazu meza no gufungura neza abandi baburaye bakabwirwa ngo hahiriwe abashonje kuko bazohazwa.
    Nakeka ko uwakosheje ariwe azohanwa, ko ata muntu azokwambikwa inteba ishushe mu kuremekwako ivyaha, ko ata nuwuzemera ivyaha ashaka gucisha abandi umutwe ! Ko atawuzosabira ku bandi. Natekereza ko ibintu bizoba ari bishasha Imbo, i Buragane, Kirimiro, na Kumoso, Bututsi, mugamba na Buyenzi, ko intwaro rusangi izoba yiganje gutyo umuntu akaba afise uguhitamwo uwo yipfuza ko amurongora ,ata kwerekwa aho utora ata kukubwira ngo emera gutwarwa, ko atawe bazohata mu gutora canke gutorwa, ko nta ntonde zugaye zizohaba ubishoboye wese akitoza ku gatwe kiwe, ko umuntu azohabwa umwanya wo kuvuga ibitagenda neza atikanga ko azoturuka ntatahe ; ko uwuvuze ko Imana yamutumye vyukuri azohabwa ijambo, nibaza ko amoko yose, intara zose, n’amadini bishobora guhana abageni mu butandukane bwavyo mu gihe vyavugwa ko abarundi bose rimwe, basangiye akabisi n’agahiye ndetse n’amacakubiri yagizwe indahiro nk’uko vyavugwa bikongera bikandikwa. Sinibaza ko inzego zose n’amadini Vyinshi bizoba bigenzurwa n’imigambwe na Leta vyongeye bigakorana na leta mu kwumvisha.
    Hinduke duhindure Uburundi

    imigambi yo n’iyitariyo abayoboke. Ntabwo nari niteze ko abarundi bamwe bazitwa abashingantahe ,abagabo, abandi bakitwa abakungu maze ku musi wo kwibuka ubumwe ngo ‘’abarundi twese dufatanye mu nda’’, ‘’turi bamwe’’, ‘’twose rimwe kandi dusangiye akabisi n’agahiye’’.

    Sinarinzi ko abariko bararishwa akabisi bemezwa ku nguvu ko bariko bararya agahiye. Sinibaza ko hazobaho Urwaruka, n’abandi bajejwe kuzivya abo badahuje ivyiyumviro vya politike, ubwoko, intara n’imiryango no mu kubica urubozo maze igihugu kikaguma mu nzeduka . Nibaza ko muri politike hazoba politike y’igihugu atari politike y’umurwi utwara maze uwukuye uwundi akazana ivyiwe agahamba ivy’uwo asubiriye naho vyaba ari vyiza, ivyo bikaba vyatumye igihugu kidatera imbere mbere bijuragiza n’abanyagihugu.

    Sinarinzi ko kahise k’Uburundi kokwanditswe nabi n’incabwenge zize zikaruha mugabo ikaramu n’iminwa bikaziba hageze kuvuga no kwandika ukuri ku vyashikiye abarundi mu butandukane bwabo, Sinibaza ko hariho abarundi barezwe n’igihugu bokwemeye kugurisha benewabo mbere n’igihugu kandi bazi ko umugozi hagati y’abavukana udacika.
    Sinarinzi ko umuntu yize arusha kumenya akamaro k’umuntu abandi ashobora kwica incabwenge muri za kaminuza, mu mashure yisumbuye, mu bakozi ba leta, abacuruza mbere na ba nyarucari kubera gusa bava mu bwoko ubu, intara iyi canke umuryango wa politike n’ibindi.

    Ivyo vyose nasanze ababikora batigeze babona indwara barwaye ngo bayivuze kandi batigeze basoma kahise k’igihugu cabo n’isi ari naco gituma twagumye mu ndyane kuko bo baguma babona ko bakomeye mu mitwe kandi ari abakehabwenge.
    Mu ntwaro zose zagiye zirakurikirana, kuvuga ibitagenda neza cari igicumuro gikomeye cane. Ubivuze yitwa imbunuza, intumva, kavamahanga, akarwi k’inkorabara, igipinge, icasame, gateranya, kinani, sesankuyoze, isiha, Kinyamwanira, inyankaburundi, umwansi wa demokarasi, umukeba, abansi b’igihugu, kora, ba murere, ba mpema yuzuye, abatavuga rumwe na reta, akarwi k’abagizibanabi, surivu, abihevyi, aba genosideri, n.ayandi majambo akomeye nkayo bukeye kabiri agakorerwa iyicwa rubozo canke akangazwa.

    Sinarinzi ko hazobaho ibihe abantu bamwebamwe kandi banafise ijunja mu gihugu no mu makungu ibintu biyangara babona ahubwo iminwa yabo bakayugara bagatinya canke bakanka kuvuga ukuri igihugu kikarwa mu manga mbere n’ababo bagapfa.
    Sinarinzi ko amajambo nkaya mu ntwaro rusangi yogaruka :Imbunuza, abansi b’igihugu, ba sesankuyoze, tuzobagira nka mbere, kubura umwanda , punguza, zirye zose,tuza, zigiza, vuna, guguna, shirira, tunatuna, bozora, batangatange tubashire ku murongo, kumakuma, susurutsa, hongora amenyo injavyi, inera, , imihimbiri, Imana irabagosora kandi nyene kubivuga ariwe ariko yica, yangaza kandi ibigirankana, ramiriza(bandanya naho bitoroshe), mujeri, imbwa, tera iyo sema, tuzobamesa, abakeba, suma urenga,turamukaravye, gupanga impinyanyuro atanumwe azoba azi( agenda cahe ou le non dit), tuzobaha ubwato bace muri tanganyika bigire muri congo nakare amafi yari yabuze hano iwacu, tuzobata muri impinira, baje musi tuzobatuma ifuku, baje hejuru tubatume inkuba, tuzobarwanya, …kandi afise ico asigura ahanini kibi mu mwanya , igihe avuzemwo,uwuyavuze, aho avugiwe n’igituma ayashikirije.

    Sinarinzi ko abantu bambaye amakoti bakagira mu modoka nziza, bafise amazu meza, bafise abagore beza n’abana beza bokwiba itunga ry’abanyagihugu urukombamazi, bogiriye amarara utwa murundi, bakarenganya, bagasambanya abagore n’inkumi mu kubaha ubuzi, bakaka ibiturire abo bajejwe gukorera, bakica abo bajejwe gukingira, bakarenganya abo bajejwe kuburanira, bagateranya abo bajejwe kwunga, bakaraguza kandi bavuga ko bashize Imana imbere, bagashuhurira umurwi kanaka ku wundi , bakabiba urwanko, bakigarurira ku nguvu ivy’abandi, bakanyaga, bagateranya abarundi, bakabacamwo imice aho kubunga, bakarangwa n’ubumwe butavuye ku mutima, ubusuma, ivangura n’ibindi maze bagashira agati mu ryinyo ngo ntacoyimena bukeye kabiri abo bahotoye bagahitamwo inzira mbi mu kwirwanira. Bagenda bavuga ko bakunda abanyagihugu ariko imirimo bakora ikabihakana.
    Sinarinzi ko mu madini menshi hobaye ubwicanyi ngakura ndi impfuvyi, hakubakwa amasengero aciye za miliyali ariko amahera yo gufasha impfuvyi n’abapfakazi akabura, ahubwo bagahamagarirwa gutanga n’utwo bafise ngo bashikanire ‘’Imana’’,uwo binaniye bakamusinyira umuriro(guhagarikwa mu mirimo y’Imana kubera umuntu abuze ico atanga).
    Sinarinzi ko mu madini menshi hobaye ubusuma, akarenganyo, ububeshi, agahemo, amacakubiri, ukwinubana, ukwikunda, gukoresha abantu nk’inkorofani, kwicarika abantu ku cubahiro, kurya impfuvyi n’abapfakazi, uburongozi bubi, urunturuntu, isaku, kubeshera Imana, kwironderera inyungu hakoreshejwe izina ry’ Imana n’ayandi mabi menshi.
    Sinarinzi ko umuzungu yoteye amacakubiri incabwenge zimusubiriye zikarwiza ako kabi biteye ubwoba. Sinarinzi ko mu mashuri hobaye ivangura nkaheza ku gihamana, abanyeshure bagahambwa mu binogo rusangi, bagatabwa mu nzuzi, bagaturirwa, ababo bakabuzwa kugandara, abandi bakaburirwa irengero.
    Abarundi benshi aho gusenga Imana bagasenga amadini yabo, ntibashinge amategeko nganamana ahubwo politike ikavangana n’abigira abakozi b’Imana ku murango m’ijoro bakinda kurusha abapfuye n’abakiriho. Ndavyihweje nibonera ko bake muri bo bahamagawe n’Imana, abandi bahamagarwa na bene wabo, abandi bakaba barihamagaye.
    Sinarinzi ko abarundi bobuze ibitaro n’amasoko meza, amatara n’amabarabara batanga amatagisi, nibitanzwe agaherera mu mpande zivukamwo abategetsi, bagashingirwa igiciro c’ivyo barimye, bamwe bakemererwa kwiga abandi bakarungikwa kurima, kujisha no kubumba.

    Hinduke duhindure Uburundi

    Sinarinzi ko hobaye akarwi k’abantu kofashe ingingo zigaheza zikitirirwa abarundi bose kandi bikavugwa ko bagishijwe inama utavyemeye akamererwa nabi. Ako karwi kagaheza kagaha uwo gashatse ku nfashanyo z’amakungu no kubutunzi bw’igihugu.

    Sinarinzi ko bamwe bobabara abandi bibereye mu burengeti no mu mashuka meza biyagaza aho bashatse maze bakavuga bati kubure imyanda, abandi ngo bazikona zabira, abandi ngo kure ivyatsi bibi mu gihugu. Sinarinzi ko abatwara bazogenda barahindagura ibwirizwa Shingiro ku nyungu zabo kugira bakumire abandi. Nibaza ko abanyagihugu tuzohimbaza imyaka irenga 50 twikukiye nka 90% bazi gusoma no kwandika, maze ibiraba ubuzima bw’igihugu bakavyisomera mu rurimi kavukire ntihagire ubasobanurira ibintu yabinyegeje mu mufuko. Sinarinzi ko impuguke muvyo kumenyesha amakuru zishobora gukoresha nk’ibinyamajwi vya reta canke abayirwanya mu guhinyanyura inkuru ku nyungu za bamwe kandi umurimo bajejwe ari uwo kurondera ukuri no kugushikiriza abatakuzi kugira kubafashe gutera imbere canke guhindura ingendo…

    Sinarinzi ko amazu menshi n’amatungo menshi abarundi bamwe bamwe bafise vyaciye mu gukora amaraso, kwonona itunga ry’igihugu, kwiba, kunyaga, kuraguza, kuzungurukana, guhemuka, kurya ibiturire, no kurenganya,kugurisha abandi, gukoresha izina ry’Imana mu kwanduza amafaranga. Maze nibuka ko kahise kadukuri kirana ndavuga bakora ivyo batazi kuko umusi bazoshengera ntibazi ngo bizoba ivyande canke ubutungane nyakuri ni bwaza ingene baziregura.Sinarinzi ko ingoro bitirira Imana kandi ari insenga z’abambuzi.

    Sinarinzi ko abanyepolitike bamwe kubera kudashishoza insiguro z’amajambo bakoresha bomara imyaka baharira ku majambo afise insiguro imwe : Umunyagihugu (nya ni appropriatif isigura nyene ikintu canke aho ikintu ciraye, aha ni nyene igihugu canke ugituyemwo), Umwenegihugu nawe nyene akaba ari nyene igihugu canke nyene kugituramwo.Namba nihenze abazezwakirundi bankosore.

    Sinarinzi ko hashobora guhera imyaka irenga 30 mu gihugu abantu bagize ibice 87% ushobora gusanga mu mashure, muri politike, mu gisirikare, no mu bindi bisata vy’igihugu bagize ibice biri musi ya 5% maze abagize ibice 13% ugasanga muri ivyo bisata bagize ibice birenga 90% kandi reta zose zavuga ko ari umuvyeyi wa bose, ata wandya wangura, ko abarundi bose ari abavandimwe, bonse rimwe kandi basangiye akabisi n’agahiye, ko ubumwe n’amahoro bisasagaye mu gihugu kandi ko reta iharanira iterambere rya bose.Ngaho icantangaje uko intwaro zagiye zirakurikirana ni uko bamwe baba bari kw’ibere abandi barinyegejwe, abandi bakaba bari kugahiye abandi bariko barya kabisi.Aha vyanyeretse ko Uburundi bwatejwe imbere mu kuvuga ibitari ku mutima no kwubakira igihugu ku kinyoma, akagaye, akarenganyo no guhemuka.
    Sinarinzi ko abarundi b’incabwenge bazosinya amasezerano ya Harusha(2000) bagategana imitego mu nyandiko maze bikavyura indyane zikavamwo imvururu n’impfu(2015). Ntabwo nodonda ngo mpeze ivyiza nari niteze murazi ko ukuboko kumwe kwiyaga ntikwimare uburyi kandi ko umutwe w’umwe utigira inama kandi wifasha gusara, iyumvire vyinshi bindi bisigaye.

    Guhiga, kwirata, kwishima, kwihaya inabi, kwigishanya ingeso zo gusahura igihugu, kunyaga no kwica, kurya ivyo utabiriye akuya, kuvuga ivyo utemera, kwirata inguvu za gisirikare canke ubwinshi bw’abagushigikiye, kwemeza abandi ko ariwe ushoboye gutwara, kura ukimfashe, vyuka urye, wamaze iki, reka tukirye twarakirwaniye, caratuvunye, kuvuga ko vyose bimeze neza mu gusigiririza ikibi, kuvuga ko abarundi ari bamwe ariko ukica bamwe ugakingira abandi, gucecekesha abandi, kuririmba ubumwe butahari, intwaro rusangi n’amahoro bitahari, gukoresha amajambo atera ubwoba abandi ndetse akabangaza, ibikorwa vy’iterabwoba, kutubahiriza inyubakwa muntu, gukomeza amategeko akandamiza bamwe akorohereza abandi, kwirata ubutungane butahari, kurya impfuvyi n’abapfakazi,kugoramika imanza,kugorora uvuna,kudaharira, inzigo y’akazikira, kwihorahorana, imihari y’urwaruka ikoreshwa mu gutoteza abandi, igisirikare n’igipolisi bijejwe kwica urubozoabo reta canke umugambwe uri ku butegetsi utiyumvamwo, gufatira abantu mu kivunga,kwihanira, kugoramika imanza, kurya abakene, akamwana wa mama, gufata abenegihugu nk’abanyamahanga, gukora ibintu uhitishamwo, kudafita imbono, kubakirana agasuzuguro mu biro, gutwarira mu biro, kudasuzuma amakuru uhabwa, kuba niryo, gufata ingingo gihutihuti udafashe umwanya wo gutohoza amakuru uhawe, kwigira incabwenge kubera ko baguhaye uburongozi, kutumviriza abo utwara, kutagisha inama abo musangiye ikivi, kutumva, kutumviriza abo mutumva ibintu kumwe ukabafata nk’bakehabwenge canke abansi, kutemera ikosa, kutemera ko ushobora kwihenda, kutigarura, kwiyemera cane, kwikunda cane, kwirata, gukora ikibi ukacihaya, kubeshera Imana n’abantu, kudatsinda ishavu, gutsinda ugaca wangaza uwo watsinze, gutsinda ugaca ufata umwanya n’uburyo mu kwiruka kubo mutavuga rumwe… nivyo vyaranze intwaro zagenda zirakurikirana kuva Uburundi bwikukiye mu 1961. Ntitudondaguye ababikoze n’urugezo bagejejeko ariko uriko arabisoma akoreshe amaso, ubwenge n’umutima bituje yibuke ivyagiye biraba adahengamiye kuri uyu canke uriya ngo basangiye ubwoko, intara, umugambwe, umuryango, mpinga yanje n’ibindi, urabona neza ko abanyagihugu bagiye bahemukirwa n’ababarongoye ku ngero zitandukanye.

    Mu Burundi ni habeho kwubahana, igihugu cemere ko hari Abahutu ,hari abatutsi n’abatwa ndetse n’abanyamahanga bakoze ivyaha ku gatwe kabo ,bishe ,bahemutse kandi basahuye bohanwa ku giti cabo icaha ntigifate ubwoko,intara, umugambwe canke umuryango. Imana ntiyumva, ntica urwangondagonde, ntirobanura ku butoni, ntiha ubutungane abatsinze gusa, ico gihe tuzotinda tugishikire.
    . Abarundi barayamaze bati : <<Ukuri guca mu ziko ntigusha, ukuri ntiguhambwa, ukuri ni kumwe kw’isi yose>>. Abantu benshi bashobora gushigikira ikibi bakacita iciza mbere bakanavyemeza abandi ku nguvu ariko umwumwe wese iyo abihaye umutima wo gutekereza ukwiwe arabona ko ikinyoma kititwa ukuri ngo ni uko gishigikiwe na benshi. Nshimira Imana impaye kuvyandika ikaba yandinze gupfira mu biganza vy’abayikorera nabi kw’isi.

    Mu bwenge Imana yampaye , ubwo yabonye bunkwiye narashishoje,ndihweza kandi mbona ko ,hatagize ivyo turengera ngo duhinduke dukosore kahise ,imyitwarire n’imikorere vyacu Uburundi buzokwama muri kahise,kubu na kazoza vyirabura.Kandi nta numwe azobironkamwo inyungu.
    Pseudonyme : Jean Baptiste KABUGA
    Contact : environmentalistwithoutborders@gmail.com

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.