IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Gitega : Abanywanyi icenda ba RWASA bagirizwa urupfu rw’umuvyeyi wa Venant (...)

Gitega : Abanywanyi icenda ba RWASA bagirizwa urupfu rw’umuvyeyi wa Venant KAZOHERA

mardi 28 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu matohoza y’abagandaguye umutama Jacques Bukobero, umuvyeyi wa Venant Kazohera umunywanyi wa CNDD FDD akaba n’umukuru w’umurwi w’umupira w’amaguru wa "Messager Gitega", abanywanyi icenda ba FNL bayoboka RWASA Agathon nibo bamaze gufatwa mu ntara ya Gitega.

Abaserukira abo bayoboke bavuga ko iryo fatwa ry’abo ari agatotezo ka poritike, ukubaburabuza babahora ivyiyumviro vyabo vya poritike.

Abajejwe intwaro mu ntara ya Gitega bamenyesha ko abo bafashwe ari mu ntumbero y’amatohoza, bagasaba ko abariko bavuga ko poritike boreka ubutungane bugakora, uwagirizwa icaha akibazwe ku gatwe kiwe.

Jacques Bukobero, umuvyeyi wa Venant Kazohera umunywanyi wa CNDD FDD akaba n’umukuru w’umurwi w’umupira w’amaguru wa "Messager Gitega" yishwe atewe gerenade ku rugo iwe, mw’ijoro ryo kuwa 24 Ntwarante 2017.

Abafashwe bose hamwe ni 12, hakaba harimwo n’imbonerakure imwe y’umugambwe CNDD FDD.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.