IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ikiza > Gitega : Amasoko amwe adandarizwamwo ibitungwa arugaye

Gitega : Amasoko amwe adandarizwamwo ibitungwa arugaye

jeudi 11 janvier 2018

Amakuru ava aho mu banyagihugu no mu bajejwe amagara y’ibitungwa i Bugendana, amenyesha ko bimwe mu bimenyetso impene zirwaye zerekana ari nk’ugukorora,ibiseru hamwe no gucibwamwo.

Nkuko ayo makuru abimenyesha, impene zitari nke ziramaze gupfa zihitanywe n’iyo ndwara, nko ku mitumba ya Mukoro,Kibungo,Mutoyi,Nyakeru hamwe n’umutumba wa Kivuvu aharangwa iyo ndwara.

Iyo ngwara yatumye amasoko akunzwe kudandarizwamwo impene na cane cane isoko yo mu Bitare n’iyi Mutoyi yugara ibikorwa vyayo.

Mu ntumbero yo kurwanya iyo ndwara ishobora gutandukira ayandi makomine ,abajejwe amagara y’ibitungwa muri komine Bugendana bafashe ingingo ko ata mpene nimwe isubira gusohoka uruhongore gushika umuti w’iyo ndwara ubonetse.

Turondeye umuyobozi ajejwe uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Gitega kugira aduhe umuco ku bijanye n’iyo ndwara,yagumye aduha isango ryo kuvugana na we ariko ntivyadukundiye.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.