Gitega : Uwahora ari umuyobozi w’indero mu ntara yakuwe mu mabanga

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 23 novembre 2017 saa 08:32
20220
0 0

Uwahora ari umuyobozi w’indero mu ntara ya Gitega NDUWIMANA Denis yakuwe mu mabanga, aca asubirizwa ivy’infatakibanza n’uwahora ari umuhanuzi wa buramatari muvy’imibano NDABAHAGAMYE Bernard.

Ikete nshikiranganji rikura Denis NDUWIMANA yahora arongoye indero mu ntara ya Gitega ryateweko umukono n’umushikiranganji w’Indero Dr Janviere NDIRAHISHA kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 21 Munyonyo 2017.

Muri iryo tegeko nomero 610/1614 ryo kuwa 21 Munyonyo 2017, umushikiranganji w’indero amenyesha ko Bernard NDABAHAMAGAMYE yagenywe bisabwe n’umurwi w’intara ujejwe indero, hisunzwe kandi n’ibiranga uwagenywe.

Amakuru ava mu bakorera mu gisata c’indero mu ntara ya Gitega, amenyesha ko Denis NDUWIMANA yoba akozweko n’ikibazo kijanye no gukwiragiza abigisha mu bindi bibanza (redeploiement) vyakozwe mu gihugu cose n’umurwi w’igihugu ubijejwe.

Ayo makuru nyene amenyesha ko yoba yakiriye ibiturire vya bamwe mu bigisha bari barungitswe gukorera ku yandi mashuri abemereye kubahindurira aho bashizwe n’umurwi w’igihugu ujejwe gukwiragiza abigisha.


Kumenyekanisha

1
Dumbuli 23-11-2017 à 20:07

Igiturire mu bisata vyose cashireweko umwanya mu Burundi hose. ni nde waca agisubiza inyuma camushitseko ntawe. ico urondera cose ugomba kugira igiturire utanga ngo bice bigenda uko nyine bitungane neza.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha