IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > HCR yagirijwe ko ariyo ibera intambamyi Abarundi bashaka guhunguka

HCR yagirijwe ko ariyo ibera intambamyi Abarundi bashaka guhunguka

dimanche 27 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD amenyesha ko mu 2015, ishirahamwe HCR ryubatse amahema ku mbibe z’Uburundi, abarundi bagahamagarirwa kuja kwakirayo ibifungurwa, bashitseyo bagategekwa kuvuga ko birukanwe n’Imbonerakure za CNDD FDD. Umugambwe CNDD FDD uvuga ko n’abashaka guhunguka ishirahamwe HCR ribabera intambamyi.

"Ishirahamwe ryemera ko impunzi baza kuzikuramwo urwaruka kugira baruhe ibirwanisho. Ako ni akamaramaza kw’isi kuko amategeko mpuzamakungu agenga impunzi avuga ko ata mpunzi ikora poritike, nta mpunzi ifata ibirwanisho. Kandi impunzi ishaka gutaha nta n’umwe ashobora kuyankira."

JPEG - 73.7 ko
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD

Umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD abwira abarundi bafise amakenga ko bazociribwa imanza nibahunguka ko borema.

"Nibaze, ni ivyacu, Reta ni umuvyeyi izomenya ingene ibigenza. Mugabo niyaba bari i Buraya, ntako Reta izobagenza kuko bifitiye iyindi Reta. Nibatahuke bareke kugira ubwoba, tuzovyimarira hagati yacu. Nta muntu azoba ariho kugira abasinzikarize ubuzima."

Evariste NDAYISHIMIYE asaba ishirahamwe mpuzamakungu HCR kworohereza abashaka gutaha.

"Kirazira ko bagira Uburundi urucuruzwa. Turateye akamo ishirahamwe mpuzamakungu ONU ridukureko ico ceyi, ntihagire abasubira gufata Uburundi nk’uko umenga ni igihugu c’ikigeragezo. Nico gituma tutazokwemera ingingo zose bazofatira Uburundi kuko biraboneka ko ari ikinyoma."

Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD Evariste NDAYISHIMIYE agasaba ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi HCR kutabera intambamyi abarundi bari mu makambi y’impunzi bipfuza gutaha. Ivyo Evariste NDAYISHIMIYE yabivugiye mu Rutana, muri komine Gitanga kuri uwu wa gatandatu.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Abategetsi bo mu Burundi ni ababeshi ruhebwa. Murumva nk’uyo ngo ni umunyamabanga wa CNDD /FDD ingene abesheye HCR ngo yubatse amahema ku mupaka kugira abantu bahunge, kandi azi neza ko akagwi arimwo ariko kateye akajagari mu gihugu katumye abantu bata bakomoka.

  • Abarundi barajujuye gutangura ku bayobozi! Mwarahonye ba sha!

  • MUBURUNDI ABO BAGIZWE NIBINYOMA GUSA BAKAGUMA BABABAZA IMANA NGOBARI MUMANA NIBIBUKE BARI MWISHAMBA UKOBAJE ICO BARIBARAHUNZE NICO BAJE BAKORA BABYITA MUCEZO WANDANANI KAMWEKAMWE

  • Ni gute umukuru w’umugambwe yubahuka akavuga institution nka HCR?HCR iyaga n’igihugu apana umuhari en plus w’abicanyi nka CNDD FDD,Evariste wewe twarabimenye ko nta minsi usigaje ngo uhunge igihugu iyo HCR uri kuvuga nabi uzoyisemba itagukeneye,maramarira hiyo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.