IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > HWPL iripfuriza umwaka mwiza w’2017

HWPL iripfuriza umwaka mwiza w’2017

vendredi 10 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Ikinyamakuru HWPL news – Heavenly Culture World Peace, Restoration of Light ni itororokanirizo ry’amakuru asohoka rimwe mu kwezi, muri ayo makuru bakavuga umuco w’ukurondera ijuru, hamwe n’amahoro kw’isi.

Ayo makuru afise igikorwa c’uguhuriza hamwe abantu bose mu butandukane bwabo, kugira babone kumwe umugambi w’amahoro. N’utwigoro dutandukanye turakorwa, mu ntumbero y’ugukangurira urwaruka kwijukira ingendo y’amahoro.

Ikinyamakuru HWPL kivuga ko umwaka w’2016 waraye urangiye mu gihe hakivugwa amabi aterwa n’intambara zirangwa mu bihugu bitandukanye nka Syriya, Sudani y’epfo hamwe na Yémen. Amashirahamwe mpuzamakungu akaba ariyo aza aragerageza gukwiragizayo imfashanyo zigizwe n’amazu, imfungurwa, ivyambarwa, hamwe n’ugushigikira igisata c’indero.

Ku munsi wa mbere w’ugutangura amabanga yiwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres yibukije amasezerano y’amahoro, amenyesha mw’ijambo ry’ukwipfuriza abantu umwaka mushasha, ko amahoro ategerezwa kuba « intumbero y’abantu bose hamwe n’inzira iyobora ababa kw’isi ».

Igisata ca ONU kijejwe kumenyesha amakuru kivuga ko amatati y’amadini (akarorero hagati y’aba chiites naba sunnites), ukutumva kumwe ibibazo vy’ukwemera hamwe n’amatati hagati y’ibihugu arivyo bibangamiye cane amahoro.

HWPL ikurikiranira hafi ico kibazo gikomeye c’ihagarikwa ry’intambara mu mihingo itandukanye, ikaba ibicisha mw’isekeza rikorwa mu bihugu bigera kw’ijana, aho higishwa kwubakira ku mahoro hamwe n’ukwubahiriza amategeko mpuzamakungu. Muri ivyo bikorwa vyose, HWPL ivuga imbuto bariko barabiba ari iy’amahoro kw’isi yose, yubakiye kw’ijambo : « Turabasavye muhagarike intambara ! »


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.