Habonetse igitigiri gito c’abiyandikisha ku munsi wa mbere

Yanditswe na BUKURU Pacifique
Kuya 8 février 2018 saa 04:25
Yasomwe : 7092
0 0

Igikorwa co kwandika abazokwitaba amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yatanguye mu gihugu cose kur’uyu wa kane igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2018. Ku munsi wa mbere w’iyandikwa, mu bice bimwe vy’igisagara ca Bujumbura vyibonekeje ko abiyandikisha atari benshi.

Nk’isaha umunani n’igice, ikinyamakuru IGIHE caciye muri komine ya Mukaza, kw’ishuri ryisumbuye Centre Islamique ryo muri zone ya Rohero, kikaba casanze abariko bariyandikisha ari bake, kuko abari barindiriye bari icenda gusa.

Uwujejwe gukurikirana uko ibikorwa vyo kwiyandikisha muri ako gace, yabwiye ikinyamakuru IGIHE , ko kuba hari abaza kwiyandikisha bake, bishobora kuba biva kuri kamere k’abarundi, aho bibuka ibikorwa mu munsi ya nyuma.

Igikorwa co kwiyandikisha ku bazokwemeza canke bahakane ibwirizwa nshingiro kikaba kizorangira kw’igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2018.


Kumenyekanisha

1
nyoma 13-02-2018 à 11:06

twese biraturaba kuko turabarundi

2
Revanit 10-02-2018 à 12:57

None Twebweabanyeshuri Kobaduca Amafaranga Mwunva Twoyakurahe Na Minerovare Tuyironka Turushe ?

3
Karimumuryango Zacharie 8-02-2018 à 20:20

Nukuyitabira Kubwinshi

4
Maria Ntakirutimana 8-02-2018 à 18:46

Igihugu cose c’Uburundi nticitwa Bujumbura. None bica bisobanura ko mu gihugu cose ariko vyagenze. Aruko rero province yose ikwiye kugira ikinyamakuru cayo.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha