IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > "Haracari agahaze mu gikorwa co gushira mu mashini nyabwonko abazokwitaba (...)

"Haracari agahaze mu gikorwa co gushira mu mashini nyabwonko abazokwitaba amatora"

lundi 26 février 2018

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 26 ruhuhuma 2018 ,Pierre Claver NDAYICARIYE yamenyesheje ko igikorwa co kwandika abazokwitaba amatora mu mashini nyabwonko, kiriko gikorwa n’umurwi CENI ufadikanije n’ishirahamwe ry’abarundi G&C Vision.

Pierre Claver NDAYICARIYE yavuze ko muri ico gikorwa bitegekanijwe ko kizomara iminsi 20, abagabo bamaze kwandikwa ari 191699 hamwe n’abakenyezi 198435, nayo intara ya Bubanza akaba ariyo yonyene abiyandikishije ngo bazotore bari bamaze kwandikwa mu mashini nyabwonko.

Umukuru w’umurwi wigenga utegura amatora CENI avuga ko , naho igikorwa kiriko kigenda neza , hacandikwa igitigiri gito ku munsi, bivuye ku bandika bataramenyera, hamwe n’imashini nyabwonko zitaraboneka zose.

Pierre Claver NDAYICARIYE avuga ko ku mashini 350 bitegekanijwe ko zizokoreshwa muri ico gikorwa co kwandika abazokwitaba amatora, 207 zonyene arizo ziriko zirakoreshwa, akizera ko gushika kur’uyu wa kabiri canke kuwa gatatu, imashini 143 zibuze, zizoba zashitse.

Umukuru w’umurwi CENI, yamenyesheje ko bakirindiriye ibitabo vyanditswemwo abazokwitaba amatora, biyandikishirije mu buserukizi bw’Uburundi mu bindi bihugu.

Inyuma y’igikorwa co kwandika abazokwitaba amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro hamwe n’ayo mu mwaka wa 2020, umurwi utegura amatora CENI wamenyesheje ko hiyandikishije abarundi 5.000.742.

JPEG - 35.8 ko
Pierre Claver NDAYICARIYE,Umukuru w’umurwi CENI

Oscar NDAYISHIMIYE

Messages

  • Ndashim Umugw Ceni Kunt Urik Ubikorana Ububangutsi,kugra Aho Bukera Mu Kwa Gatanu Bigaragarire Mugasandugu.Ah Ic Umunt Wes Yumva Kimunezera Aric Azokora mu ntumbero yo kudata igihug mu kaga.

  • Nibadutumeko abari bakoze ico gikorwa muri 2005 tubakorere akazi. Abo barinda kwiga imashini kandi igihe kiriko kiregereza bozohava baducereza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.