Umugambi w’ugutanguza MSD NYAKURI watanguye kuvugwa

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 6 Ruheshi 2017 saa 11:37
Yasomwe : 16857
0 0

Mu gihe haheze amezi abiri umugambwe MSD ufatiwe ibihano n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, hari amakuru avuga ko hoba hari umugambi wo gushinga inzego z’umugambwe MSD "NYAKURI" zishigikiye umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD.

Amakuru yo kwizerwa ava mu begereye umugambwe MSD amenyesha ko hoba haheze igihe igikorwa co gusambura umugambwe MSD gitanguye, aho hari umurwi woba wamaze gutangura gusaba abanywanyi b’umugambwe harimwo n’abari hagati mu gihugu, gushira umukono ku rwandiko rwo gusaba ikigongwe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Nk’uko ayo makuru abimenyesha,umugambwe uri ku butegetsi woba wihaye ikiringo c’amezi abiri kugira igikorwa co gusubiriza abarongozi b’umugambwe MSD kibe caheze.

Ayo makuru nyene amenyesha ko urwo rwandiko rumaze guterwako umukono, abazoba bemeye ivyasabwe bazoca basaba kandi uburenganzira bwo gutunganya ikoraniro rizoshiraho inzego nshasha zirongoye umugambwe, Alexis SINDUHIJE asanzwe ariwe aramutswa MSD asubirizwe.

Mu mugambwe MSD baremeza ko ayo makuru bayumvise kandi bayazi, ariko bakavuga ko bazogira ico bashikirije mu minsi ya vuba.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwafatiye umugambwe MSD ibihano vy’uguhagarika ibikorwa mu kiringo c’amezi atandatu, kuva kw’igenekerezo rya 4 Ndamukiza 2017.

Ivyo bihano bizohera kw’igenekerezo rya 4 Gitugutu 2017.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha