IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ibanki BCB yuguruye konte yo gutererako amatora ya 2020

Ibanki BCB yuguruye konte yo gutererako amatora ya 2020

dimanche 27 Myandagaro 2017

Nk’uko biri mw’itangazo ry’ubuyobozi bw’ibanki BCB bwashizeho iyo konte bubisabwe n’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta.

Iyo Konte ni no 13101-00100098602/64 BIF yuguruwe kw’izina CONTIBUTION AUX ELECTIONS 2020.

Ubuyobozi bw’ibanki BCB bugasaba uwushaka guterera kwitura igisata c’Ibanki BCB kimwegereye.

Kw’igenekerezo rya mbere Mukakaro 2017,igihe Uburundi bwibuka imyaka 55 iheze bwikukiye umukuru w’igihugu yasavye ko abarundi bonyene boterera amatora bakayitunganiriza batarinze kwitura abanyamahanga.

Haheze iminsi mike, Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yaciye aterera imiliyoni zitanu z’amarundi abicishije mw’Ibanki Nkuru y’Igihugu mu ntara ya Ngozi,kuri konte konte inomero 1110/267, yari yashikirije kw’igenekerezo rya 1 Mukakaro 2017.

Naho umwunganirizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu akaba n’umuvugizi w’ubushikiranganji mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru yari yavuze ko guterera amatora ata tegeko ririmwo,umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yahavuye asaba kuwa kabiri igenekerezo rya 22 Myandaro 2017, abajejwe intwaro mu gihugu cose kwumvisha abo barongoye ko boterera amatora yo mu mwaka w’2020, kandi ukwo guterera amatora kukaba itegeko kuri bose.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Twashaka tubaze iyo umuntu ashoboye kuronka iyo ntereraro yamatora ya 2020 ko aho yoba ari hose kwi bank imwegereye ko yoza arayashirako uko yoba angana kwose none ni mpaka umuntu ayajane muri bank BCB,,?uwutegereye iyo bank ahiri nawe yobigeza gute? nta eco cash canke lumicash yokoreshwa?MURAKOZE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.