IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ibikorwa vy’umugambwe MSD vyahagaritswe

Ibikorwa vy’umugambwe MSD vyahagaritswe

mercredi 12 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Ibikorwa vy’umugambwe MSD (Mouvement pour la Solidarité et la Démocratie) utavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA vyahagaritswe kw’itegeko ry’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Pascal BARANDAGIYE.

Iryo tegeko ry’umushikiranganji rivuga ko umugambwe MSD uhagaritswe mu kiringo c’amezi atandatu, n’inyubakwa z’aho uwo mugambwe ukorera mu gihugu cose zigategerezwa kwugarwa mu gihugu cose.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwasiguye ko uwo mugambwe ufatiwe ivyo bihano kubera umukuru wawo, Alexis SINDUHIJE yavugiye ku mugaragaro ko agiye gutanguza umurwi witwaje ibirwanisho urwanya Reta y’Uburundi.

Abanywanyi b’uwo mugambwe nabo bagirijwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ko babandanya kwerekana ingendo y’urwanko hamwe n’ubugizi bwa nabi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.