IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Icegeranyo ca Banki y’isi yose ku gisata c’inyigisho

Icegeranyo ca Banki y’isi yose ku gisata c’inyigisho

mardi 6 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Ivyo vyirwa biravuga kandi ko mu karere (subsaharien) n’igihugu c’Uburundi kirimwo bateguye uko hoba iterambere muvy’indero ku mashure y’intango n’ayisumbuye ariko abana bagera ku 50.000.000 batashoboye kuja ku ntebe y’ishure, kandi ko n’abari ku ntebe y’ishure batashoboye kuhakura ubumenyi buhagije buzobafasha muri kazoza.

Ico cigwa giheruka gukorwa n’ibanki y’isi yose, icegeranyo yatanze gifise ihangiro rivuga riti : « Ishure, igikorwa co kwiteza imbere mu bumenyi muri Afrika ». Ico cigwa kivuga ko ubumenyi muri ivyo bihugu bigize ako karere buri ku rugezo rwo hasi, ivyo bigaterwa n’uku uburyo bukoreshwa muvy’indero muri ako karere ari buke nk’uko ico cegerenyo kibandanya kibivuga.

Ico cegeranyo kiravuga kandi ko kugirango akanovera k’inyigisho kabe keza mu ndero, ko vyoba vyiza urutonde rutegekanijwe mu mashure rusozerewe.

Ico cegeranyo kibandanya kivuga kandi ko, ubu butumwa buje bwunganira icegeranyo cakozwe n’iyo banki y’isi yose mu mwaka wa 2017, cavuga ko mu gihe hatoba inyigisho nziza ko akonovera mu ndero kazobandanya gatosekara.

Ivyo bibaye mu gihe mu Burundi, Sendika SEPEDUC yashikirije ko ifise amakenga ko intonde z’ivyigwa zishobora kudahera muri uwu mwaka w’ishure turimwo.

Nk’uko bivurwa n’umukuru wa sendika y’abigisha SEPEDUC, intonde z’ivyigwa zishobora kudahera mu myaka ya kabiri y’inyuma y’ishuri nshingiro. Gerard SINDAYIGAYA avuga ko kubera ubukene bw’ibitabo, hari abigisha bazoba bariko bigisha intonde zo mu gice ca kabiri, kandi umwaka w’ishuri ugeze mu gice ca gatatu, ivyo bigatuma bigira isano ku cegeranyo cashikirijwe n’ibanki yisi yose mu bihugu bigize akarere ka « subsaharien ».

Gerard NDIKUMANA arongoye Sendika SEPEDUC agasaba Reta ko yorondera abafasha mu gikorwa co kurwiza ibitabo, canke nayo ikikora ku buryo ifise.


Callixte Carpe NDIKUMANA

Messages

  • Ico cegeranyo kivuga ukuri ndabiye ku bana banje aho mukuru mbere ahejeje n’ayisumbuye ataco ashobora gufasha mutoyi wiwe mu kumusigurira ivyigwa vyo mu wa ndwi. Ivy’ibitabo ntawobiovuga kuko n’amahera twamaze imyaka dutanga twarabuze uwutubarira ico yakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.