Incamake

Icibutso c’abarwanyi ba CNDD FDD kigiye kwubakwa i Bubanza

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 17 Munyonyo 2017 saa 05:29
50130
0 0

Umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi mu Burundi ugiye kuzokwubaka icibutso (Musée du combattant) citiriwe "Intwari zarwaniye amahoro na demokarasi mu Burundi".

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye yabishikirije kuri uwu wa gatanu mu birori vyo gushira ingori z’amashurwe ku ntatemwa za bamwe mu barwanyi ba CNDD FDD baguye ku rugamba, intatemwa ziri iri ku Musenyi, muri Komine ya Mpanda, intara ya Bubanza. Ico kibanza kikaba arico kizokwubakwamwo ico cibutso, hamwe n’ikigo c’ukubibukirako.

"Birababaje kuruhira ubusa, ntibabe batereye ubuzima bwabo ubusa. Aha habe icibutso gikomeye. Abegereye ngaha muradufasha tuharondere ikibanza tuhashire icibutso tuzoshirako amazina yose y’abiguze urugamba."

JPEG - 118.3 ko
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD

Evariste Ndayishimiye asigura ko bizotuma abo baguye ku rugamba batibagirwa, n’abazovuka bahakure icirwa.

"Ntihagire n’umwana azovuka azosubira guhohera ku bintu bijanye n’intambara. Ntihagire n’uwuzosubira gutwara igihugu ahohere ku bintu vy’ugutoteza abenegihugu. Kuko tutagize icibutso, hazogera nko mu myaka 20 uje ubona umuntu ari ku butegetsi atangure kwiyita igihangange atoteza abenegihugu."

Evariste NDAYISHIMIYE amenyesha ko mu mugambwe CNDD FDD bakeneye ko mu Burundi hazokwama hari intwaro izokwama yumvikana n’abanyagihugu, uko bigenda kwose.


Kumenyekanisha

1
kimana armand 19-11-2017 à 12:02

Ivyo nivyo hica ubutegetsi bubi.
Raba abo mumaze gutikiza kuva 2005.
Isinzi ry, abahutu n,abatutsi.

2
Wakera 18-11-2017 à 13:24

uwo VARISITO n’ikirwarudubi! Arateye agahinda n’ikigongwe! Reka abanze aje LA HAYE intahe imwokere!Mbe yarigeze afata basi nisoko yo ku Musenyi canke base yigarurire ahohejuru ya MUSENYI (Nyarurambi,Masha,Nyomvyi) kowumva yagwanye! Nibamutekere Kanyanga kubera niyo amenyereye nivyavuga nivyumunywi wayo! God damn DD

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha