Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Poritike
Icigwa umugambwe CNDD FDD wakuye mw’itorwa rya Donald TRUMP
Yanditswe taliki ya 9-11-2016 - isaha 14:12' na IGIHE

Inyuma y’itorwa rya Donald TRUMP, umukuru w’igihugu agira uwa 45, kugira ayobore igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika, uwo bahiganwe ariwe Hillary CLINTON akemera ko yarushijwe, umugambwe CNDD FDD wamenyesheje ko ico ari icigwa ca demokarasi ku banyeporitike b’Abarundi bokwiga kwemera aho ivyavuye mu matora.

Amaze kumenya ko yarushijwe, Hillary CLINTON yahamagaye Donald TRUMP kuri terefone, amushimira kubw’intsinzi yaronse y’amajwi 274 ku 215 ya Clinton. Yamubwiye ko yemeye ivyavuye mu matora.

Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD, ashikiriza ko abanyamerika batahuye ko uwutsinzwe mu matora ataba atakaje ubwenegihugu. Uwo mugambwe ukizera ko inzego nshasha za Reta zunze ubumwe za Amerika zatowe zizogerageza kumenya ukuri ku Burundi, abategetsi b’Uburundi nabo bakazoboneraho akaryo ko gukomeza imigenderanire hagati y’Uburundi na Reta zunze ubumwe za Amerika.

JPEG - 168.4 ko
Evariste NDAYISHIMIYE, Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD

Donald Trump, umukuru w’igihugu mushasha wa Reta zunze ubumwe za Amerika yavutse kw’igenekerezo rya 14 Mukakaro 1946 i New York muri Reta zunze ubumwe za Amerika. Ni umurwizatunga akomeye cane muri ico gihugu, akaba n’umunyaporitike wo mu mugambwe w’aba Républicain.

Ivyiyumviro vyanyu

Abarundi Turakwiye Kumenyako Abenegihuguko Aribobafise Ijambo Kwaribobatanga Ubutegetsi

27.11.2016 à 17:56
Nduwayo

,icifuzo Canje Nuko Uwatsinze Nu Watsinzwe Bokwicara Hamwe Kuko Haburana 2 Hagatsinda Umwe Kandi Nawe Ntabura Icakora Kikomeye Cane Muriyo Reta !!Murakoz’

14.11.2016 à 22:22
Die donne

Ariko Mube mumenya ko atarenze amategeko nkamye.ikiringo ciwe kigeze azoca Avako ahe abandi.

11.11.2016 à 08:08
Dieu Pour Tous

abo bavugango CNDD FDDnirekekwica iyo umuntu atsinzwe niyemere apana kugira icitwazo amenye yuko agati kateretswe nimana atakigakoma

11.11.2016 à 02:33
alexis sabiyumva

Ndorerezi

10.11.2016 à 21:07
######

Ibyamatora Yamerika Nibyo Bigaragaza Demokarasi Nyayo Afurika Irebereho

10.11.2016 à 20:50
Ikuzwe Emmy Ferdinand

Nah Atowe Apfe Kutisuka Muvy’afrika.

10.11.2016 à 17:27
Elvis Niyongabo

turashimye cane nicigwa kubasi biburund batagomba koduterintambwe nasaba abarund kobakwiye gucubweng murakoz

10.11.2016 à 14:53
Athumani

@tari
Trump we mama aribonera ! Avuga ko Africa yari ikwiye gusubira mu bukoroni kuko mu myaka 60 yikukiye yabuze ico yimarira ! Akongerako avuga ko Africa ikwiye kuba parc y’ibikoko akazohora ayigiriramwo rallye aratira ijisho ryiwe !
Uburundi abubona nka parc ikwiye intare n’inzovu gusa !
Erega n’umu nazi !

10.11.2016 à 13:14
Banzubaze

Ubwo abategetsi bo mu BURUNDI boba bakanura bakabona canke bafise amatwi bakumva canke bafise ubwenge bakiyumvira ?Babonye kw’abandi barangije ikiringo cabo bakinjura bakabisa abandi ata nduru barinze guteza,ubu OBAMA nawe yari kuguma agariye kubutegetsi arik kubera bobo barajwe ishinga noguteza imbere igihugu barabisikanya ata nduru zivuze,aha rero Nkurunziza ahakure icirwa.

10.11.2016 à 06:53
HAKIZIMANA Télesphore

Jewe abo ba CDD FDD barantangaza mbebibaza ngo kubihano bafatiwe ngo harikizohinduka ?, nibatikebuka bakiga kubahiriza amategeko, bagahagarika kwica nogutoteza abarundi, nubu ibihano bizobandanya gushika kumwisho.Kuba DONALD yatsinze ntanakimwe bizohindura kuburundi,kiretse abarundi bonyene ubwabo bikebutse niho bizogira icobihindura kuburundi, burya umugabo wi kijuju avuga yuko azokubakirwa nuwundi. DONALD arajwe ishinga nokutezimbere igihugu camwibarutse, noguhera aho Obama yaragejeje,sukuvuga rwazoza ashigikira abicanyi nkamwe oyaaaaa.

10.11.2016 à 02:54
Morodikayi Jon

Barake Obama yari yarakingiye ikibaba nkuru nakarwi kiwe none haraje umu republic azo bamyira igicurane kuko bo ntibiribwako niba cndd fdd yibazako trump azoza ashigikira Ayo mafuti yanyu yo kwirirwa mucagagura imitwe abanyagihugu mwari mushinzwe gukingira muribesha gose burya mwari mwaragize imana kurya mwirabure Ngo Ni Obama nawe yakwa gutwara nkamwe abazungu suko ntibahendwa nka bana ahubwo ndashimye mwitanganije mukumushimira ngirango aho bukera ico azobabwira canke azobakorera muzoheza mucakirize yompi atagutera imigere nkuko mwama

10.11.2016 à 02:21
tari

Evariste ! haaaaaaaa unteye angatwengo kabisa, urungero abanyamerika bagezeko ntarwo muzopfa mushitseko, reta yamerika haraho mwumvise yigeze ibuza, abomuyindi migabwe kobiyamamaza ? ariko mwebwe iyo hageze ibihe vyamatora niho habahageze gutoteza abo mumigabwe yindi. Bibonekako mwebwe muracarinyuma cane, muvuga demukarasi kuminwa, ntaniyomuzi, ikindinaco gituma mudakunda abanyamigabwe bagenzi banyu, mwibaza mubahaye umwidegevyo wo gusigura imigambi yabo, komwohava muburiramwo. ikindi naco murondera ubutegetsi mwarimusazwe mwarabakene, Obama numugabo abukwiye kabisa, ntiyabaye nka Nkurunziza ngoyizigitirire kubutegetsi. abategetsi ba Merika bazokwama babasumba guhera kukirenge gushitsa kumutwe.Evariste anezerwa rwazocatagura kuja gutegamashi Donald, murabesha mutikebutse mugahagarika kwica abanyagihugu mwa DD FDD umusimamo wi bihano nikurya nyene, kuko siwe azoza ashigikira abicanyi.

10.11.2016 à 01:30
Morodikayi Jon

Ego ayo matora atwigishije vyishi Obamu numushingantahe araziko ibiringo vyiwe vyari bibiri bitarenga no mu burundi twige ko bavuze ibiringo bibiri aba ari bibiri nyene katari ibiringo bitatu . Murakoze komuvyize ntibizongera

9.11.2016 à 21:14
soso

Mbega Ngo Muburundi Ngo Ntibemera Ivyavye mumatora ?Baravyemera Ariko Ni Uko Batazi Gusoma Ibintu Ngo Babitahure Kumwe Kuko Nubu Ico Amategeko Ya Arusha Yavuga Cabagoye Gutahura Kumwe Kandi Bose Bari Barize Gusoma No Kwandi Bazi N’izindi Ndimi

9.11.2016 à 19:53
Barekebabeshe Trump

Nivyiza ariko uwoshaka yokwibuka ivyo yavuze Ku bategetsi bamwe bamwe ubutegetsi babuhinduye akazu cane cane muri Afurika.

9.11.2016 à 17:52
Madla madiba

Mbe varisito ko utavuze ko kubisanya neza navyo ko ari vyiza ?Uvuga gusa iyo bagize ivyo namwe mugira !

9.11.2016 à 17:10
Anna Munezero

HAKURICIGWA NYENE KWIKIRINGO ARIKIRINGO, URAZI YONKUBU HABA HARUWUNDI MWATANZE ATUYOBORA AMATEKA TUBA DUFISE, NNE EHE KWASHI IGIRIMARE ABARUNDI NABARUNDIKAZI. KUTUNUNUZA GUSA NKINYONDWE YUMIRA KURUSATO RW’INKA YAPFUYE KERA. NIBITANGE ICIGWA NYENE. NDADAYE NTIYISHWE NIMPARI ZUKO ATAZITSINZE AMATORA. OYA, YISHWE NUBWOKO BUBI. MURAKOZE

9.11.2016 à 16:21
mahoro

Natsinde abamenyeshamakuru baraho canecane abomugihuhu ciwe nabo mu Rwanda abaruhurire imitwe kukonama numviriza ukobamwifatira mugahanga aciyamamaza nkumva barambabaje.

9.11.2016 à 16:15
.

Mr Evariste NDAYISHIMIYE,

Wibagiye kuvuga kadi ko uwutsinze adaca atwara igihugu nka kumwe ari icibare ciwe n’umugambwe wiwe.

9.11.2016 à 16:02
Icigwa
1 | 2

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.