Accueil > Amakuru > Poritike > Reta y’Uburundi yemeye gushiraho umunsi wahariwe intwaro rusangi
Reta y’Uburundi yemeye gushiraho umunsi wahariwe intwaro rusangi
lundi 15 Rusama 2017
Mw’itangazo rya Reta y’Uburundi ryo kuwa 13 Rusama 2017, aho Uburundi bwibuka imyaka 2 iheze umurwi ugizwe n’abasirikare n’abaporisi ugerageje gutembagaza ubutegetsi, Reta y’Uburundi yasavye igihugu c’Ububirigi n’Urwanda kurungika abari muri ivyo bihugu bagirizwa ico caha, kugira barengutswe imbere y’ubutungane.
Muri iryo tangazo, Reta y’Uburundi yasavye abahagaritse imfashanyo ko boraba ibimaze gukorwa na Reta mu kugarukana amahoro n’umutekano, kugira basubire gutanga imfashanyo, mu ntumbero yo gukomeza ubucuti hagati y’abo n’abarundi.
Reta y’Uburundi isaba abarundi bahunze igihugu kubera "ibihuha vy’abarondera inyungu zabo", gutahuka mu gihugu, ikabamenyesha kandi ko ivyo basize mu gihugu vyacungerewe.
Kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015, umurwi ugizwe n’intwazangabo mu gisirikare n’igiporisi barongowe na General Godefroid NIYOMBARE bagerageje gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ariko ntivyashobotse, abatahunze igihugu barafashwe ubu bari mw’ibohero rikuru ryo mu ntara Gitega.
Messages
15 Rusama 2017, 14:26, par kirahuma
jewe nibaza ko nzobonariba na reta avugira bari bakwiye gushira umunsi witiriwe demokrasi igenekerezo rya 26/04/2015 umusi batangura kwiyamiriza nkurunziza ahandi uwo musi wa 13/05/2015 bizorangirana n’intwaro ya dd
19 Rusama 2017, 08:29, par Guide
Mbe Uyo Musi Uzoba Ari Uwakaruhuko?