Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Reta y’Uburundi yemeye gushiraho umunsi wahariwe intwaro rusangi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Reta y’Uburundi yemeye gushiraho umunsi wahariwe intwaro rusangi

Reta y’Uburundi yemeye gushiraho umunsi wahariwe intwaro rusangi

lundi 15 Rusama 2017

Mw’itangazo rya Reta y’Uburundi ryo kuwa 13 Rusama 2017, aho Uburundi bwibuka imyaka 2 iheze umurwi ugizwe n’abasirikare n’abaporisi ugerageje gutembagaza ubutegetsi, Reta y’Uburundi yasavye igihugu c’Ububirigi n’Urwanda kurungika abari muri ivyo bihugu bagirizwa ico caha, kugira barengutswe imbere y’ubutungane.

Muri iryo tangazo, Reta y’Uburundi yasavye abahagaritse imfashanyo ko boraba ibimaze gukorwa na Reta mu kugarukana amahoro n’umutekano, kugira basubire gutanga imfashanyo, mu ntumbero yo gukomeza ubucuti hagati y’abo n’abarundi.

Reta y’Uburundi isaba abarundi bahunze igihugu kubera "ibihuha vy’abarondera inyungu zabo", gutahuka mu gihugu, ikabamenyesha kandi ko ivyo basize mu gihugu vyacungerewe.

Kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015, umurwi ugizwe n’intwazangabo mu gisirikare n’igiporisi barongowe na General Godefroid NIYOMBARE bagerageje gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ariko ntivyashobotse, abatahunze igihugu barafashwe ubu bari mw’ibohero rikuru ryo mu ntara Gitega.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.