Accueil > Amakuru > Poritike > Igikorwa c’inama nshingamateka cahagaritswe n’umushingamateka ayoboka RWASA (...)
Igikorwa c’inama nshingamateka cahagaritswe n’umushingamateka ayoboka RWASA yakubiswe
samedi 14 Ndamukiza 2018, par
Intango ya vyose, ni imishamirano yabaye mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane, ku rugo rw’uwitwa Felicien NIMBONA, umunyagihugu w’aho mu Kizingwe, zone Ruziba avuga ko yakubiswe n’abasore bane yita Imbonerakure za CNDD FDD zamusanze ku rugo iwe.
"Muma saha indwi baje ku rugo iwanje, ndababaza muri bande? Imipanga ku madirisha aho nyene. Jewe n’umugore wanje twarakubiswe, turakoma induru turabura abaza gutabara. Gushika mu gatondo, umugore wanje yibungenze inda y’amezi indwi yavuga ko mu nda ataco yumva gikakaza."
Felicien NIMBONA avuga ko yituye abajejwe intwaro, bamwemerera ko nibwaca bazobumviriza.
Mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, uwo yakubiswe n’abo yita Imbonerakure avuga ko mu gihe abajejwe intwaro bariko barabumviriza, abamukubise bakiyemerera ko batumwe n’uwutwara Imbonerakure muri ako karere, uwundi murwi waje usubira kubakubita bikomeye, bababwira ko ari "Intumva". Batatu mu bakubiswe basinzikaye bakaba bari mu bitaro vy’abaganga batagira imbibe biri mu Kigobe (MSF).
Mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, umwe mu bashingamateka bayoboka RWASA yatowe mu gisagara ca Bujumbura, yishikiye aharaye habereye iyo mishamirano, nawe akaba yakubiswe n’abo nawe nyene yita Imbonerakure.
Pierre Celestin NDIKUMANA arongoye abashingamateka bayoboka RWASA, aherekejwe na bagenzi we, nabo nyene bashitse ahakubitiwe uwo mushingamateka Bernard NDAYISENGA. Aravuga uko yabisanze.
"Bose bababwira ko aribo bababuza kwitegurira 2020. Umushingamateka NDAYISENGA bahatswe kumunigisha ikaravati. Umukuru wa Karitiye yagerageje kwamama ariko biba ivy’ubusa."

Ibikorwa vy’inama nshingamateka vyahungabanye yose
Muri uwo mwanya w’agatondo ko kuri uwu wa gatanu, abo bayoboka RWASA bari mu Kanyosha, inama nshingamateka yategerezwa gusubiramwo iyigwa ry’itegeko rigenga umwuga w’ukumenyeshamakuru. Ico gikorwa nticabaye kuko igitigiri c’abashingamateka kitakwiye, bitewe n’abo bo mu runani rw’abigenga AMIZERO y’ABARUNDI hamwe n’abo mu yindi migambwe bari basivye.
Umukuru w’inama nshingamateka Pascal NYABENDA ntiyashimye ivyabaye : "Twama tubabwira ko igihe cose dufise ibikorwa ngaha mu nama nshingamateka twama tubabwira ko mutegerezwa kuza. Sinibaza ko igihe cose habaye ingorane hagati y’umunyagihugu n’abandi ko ibikorwa ngaha mu nama nshingamateka twoca tubireka. Si ngombwa ngo abashingamateka bose barenga 20 bagira rimwe ku ngorane iba yashikiye abanyagihugu babiri canke batatu."
- Pascal NYABENDA, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi
Pierre Celestin NDIKUMANA atwara abashingamateka bo mu runani rw’abigenga AMIZERO Y’ABARUNDI siko abibona : "Ubuzima buri imbere, burengeye ibindi vyose, amategeko no hanyuma arirwa."
Pierre Celestin NDIKUMANA avuga ko ivyabaye kuri mugenzi wabo bitazobatera ubwoba. "Biraboneka ko bashaka kutubuza kwitaba amatora. Abariko barakora ivyo ntibiyumvire ko duca tujugumira. Ababikora ni bateshwe bate, ntituzoreka kuvuga ukuri."
Mu runani rw’abashingamateka bayoboka RWASA Agathon bavuga ko umushingamateka Bernard NDAYISENGA abaye umushingamateka agira gatatu wa AMIZERO Y’ABARUNDI akubiswe, uwo Bernard akaba ubwiwe wenyene akubiswe gatatu, nk’uko vyemezwa na Pierre Celestin NDIKUMANA. Abandi bakubiswe ni uwo mu Kirundo na Rutana. Bose hamwe basaba ko ukudahana ivyaha kwohagarara.
Egide NDUWIMANA
Messages
14 Ndamukiza 2018, 15:11, par NKURUNZIZA
ico si igihugu aho abanyagihugu bakubita umushingamateka ku murango,umukuru w’inama nshingamateka ntavyiyamirize ahubwo agahimiriza
14 Ndamukiza 2018, 15:23, par Harimenshi Felix
ivyo mu burundi bisigaye ari akamaramaza!!!..numushingamateka asigaye akubitwa? tweh batobato bazoturemvya!!!
14 Ndamukiza 2018, 16:26, par Ndayikengurukiye mechack
nukuri birababaj kubona igihugu cacu kigisigay ari ikibanza c’ubugizi bwanabi.Bitumwa nizo mbonerakure.Nukuri turabasavye mwikebuk.
14 Ndamukiza 2018, 16:53, par SILAS
Abo,simbonerakure, Batubaha, Abatware,cndd,hana,abo, Bantu, Boye,kuguteza,urubwa bose,,ngo, Imborakure,birabaje
14 Ndamukiza 2018, 20:41, par Eric
Birimwo,amarozi,ivyubu,mumatora.
16 Ndamukiza 2018, 09:00, par Aristide Noris
Umukuru w’Inama Nshingamateka ni Honorable Pascal Nyabenda ntabwo ari Pascal Barandagiye. Hanyuma abenegihugu dukwiye kwubahana cane cane ko mu bihe vyinshi dushira imbere Imana, nayo ikaba ari Rukundo ikongera ikaba Kigongwe. Ni Imana y’ubutungane kandi itarenganya.Iyo ni yo Mana imwe tuba dukwiye gusenga no gushira imbere. Ahandi vyagenze gutyo ahubwo Umukuru w’Inama Nshingamateka niwe yari gufata iya mbere agahaguruka akabaza Leta (kuko niko kazi k’abashingamateka) ivyabaye ivyo ari vyo.
16 Ndamukiza 2018, 12:27, par Umwana
Murebe neza wasanga ari abatumwe nu Rwanda
16 Ndamukiza 2018, 12:27, par Umwana
Murebe neza wasanga ari abatumwe nu Rwanda
16 Ndamukiza 2018, 12:27, par Umwana
Murebe neza wasanga ari abatumwe nu Rwanda
16 Ndamukiza 2018, 12:27, par Umwana
Murebe neza wasanga ari abatumwe nu Rwanda
19 Ndamukiza 2018, 19:57, par mvizuruyenzi
sha murimo gukina, n’uko mu rwanda byatangiye 1992-1994 birangira leta yariho ikoze jenocide yakorewe abatutsi n’abahutu badafite ingengabitekerezo nk’iyabo, nimushaka mukanguke, buriya bazabanza bajye babakubita hanyuma babanyuruze Ubundi babice buhoro buhoro hanyuma babarangize bitwaje intambara bateje
24 Ndamukiza 2018, 05:24, par lg
ABA CNDD FDD MWIRIRWA MURIRIMBA NABA CDR NI NTERAHAMWE MUZINDI NUBUNDI KANDI BARAVANZE NDETSE NA FDRL UKO BYAGENDA KOSE URETSE KUMARA ABARUNDI NTAKINDI BAZABAMARIRA ,ABANTU BATINYUKA, GUKUBITA, ABASHINGAMATEKA NTIBAKURIKIRANWE WUMVA KWICA UMUNYAGIHUGU HARICYO BIVUZE !MUTGEREZR