’’Igikorwa co kwiyamamaza cagenze neza cane’’-Pierre Claver NDAYICARIYE

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 15 mai 2018 saa 08:36
9510
0 0

Umukuru w’umurwi utegura amatora CENI, amenyesha ko igikorwa co kwiyamamariza amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro cagenze neza. Pierre Claver NDAYICARIYE arongoye umurwi CENI, amenyesha ko vyerekana ko amatora azogenda neza.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uno wa kabiri igenekerezo rya 15 Rusama 2018, Pierre Claver NDAYICARIYE, avuga ko amatora y’ibwirizwa nshingiro atandukanye n’ayandi, kuko muri ayo matota atari uguhiganirwa ibibanza, ariko ari ukwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.

Pierre Claver NDAYICARIYE arongoye umurwi w’igihugu wigenga utegura amatora CENI, avuga ko bisunze uko imyiyamamazo yagenze mu gihugu cose, vyerekana ko urugero igihugu c’Uburundi kigezeko mu bijanye n’intwaro rusangi ari urugero rushimishije.

Afatiye ku kungene imyiyamamazo y’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, haba ku ruhande rw’abigisha gutora Ego canke abigisha gutora Oya yabaye, amenyesha ko biboneka ko n’amatora nyezina azogenda neza.

Umukuru w’umurwi CENI, avuga ko abagomvye gushamirana baba ari abarengeje isaha icumi na zibiri bakivuza umuziki, ariko ko nibagira umwiherero bagasuzuma bazobona ahabaye ukwihenda.

Amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro ategekanijwe kuwa kane igenekerezo rya 17 Rusama 2018.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha