Accueil > Amakuru > Poritike > Igiporisi nticemeza ifatwa ry’umukuru w’umugambwe RANAC
Igiporisi nticemeza ifatwa ry’umukuru w’umugambwe RANAC
mardi 27 Ntwarante 2018, par
Amakuru na Georges NIKIZA avuga ko Aloys BARICAKO yafashwe mu gihe yari agiye gushingura inakuru yitavye Imana i Karusi. Mu mugambwe RANAC bamenyesha ko batazi icatumye uwo mukuru w’umugambwe afatwa.
Mu giporisi c’Uburundi bashikiriza ko Aloys BARICAKO atigeze afatwa canke aburirwa irengero.
- Aloys BARICAKO, umukuru w’umugambwe RANAC
Nk’uko biri mu butumwa bwaciye ku muhora Twitter w’igiporisi c’Uburundi, bamenyesheje ko Aloys BARICAKO ari ku maziko yabereye muri komine Shombo, intara ya Karusi.
Ntiturashobora kuronka umuryango wa Aloys BARICAKO na Petero KUGIRWA
Egide NDUWIMANA
Messages
27 Ntwarante 2018, 17:28, par ERIC NDUWAYEZU
Eee, kwarihatar igiporis nigikomez amatohoz tumenyahar