Igisirikare c’Uburundi cungutse izindi ncabwenge

Yanditswe na Pacifique BUKURU
Kuya 16 décembre 2017 saa 08:43
34770
0 0

Kaminuza mpuzamakungu yitiriwe uburongozi bwiza "Universite International du Leadership" yatanze impapuro z’umutsindo ku banyeshure bahejeje inyigisho kuri iyo Kaminuza. Muri bo harimwo abasirikare b’intwazangabo z’Uburundi batanu baronkejwe impapuro z’umutsindo zo kurwego rwo hejuru (Master) mu gisata c’uburongozi bwiza (Leadership).

Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, akaba n’umwe mu baronkejwe urupapuro rw’umutsindo, yashikirije koari iteka kuri we no ku gihugu, na cane cane mu gisirikare.

"Ndi n’akanyamuneza kenshi kubona twaronkejwe izimpamyabushobozi. Twarungitswe n’igisirikare kugira tube imboneza ku bandi.Inyigisho twaronkejwe tuzozisangiza n’abandi, baba abarundi canke ababanyi bo mu karere, narirya twize mu rurimi rw’icongereza, ari narwo rurimi duhurirako mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko. Tuzofasha muri za kaminuza, gutyo igihugu kironswe ubumenyi buhagije. »

JPEG - 2.3 Mo
Colonel Gaspard BARATUZA ari mu baronkejwe impapuro z’umutsindo

David NIYONZIMA, icegera c’umuyobozi wa kaminuza Leadership University avuga ko ubumenyi baronsa abanyeshure atari ubwo kugira baronke impapuro z’umutsindo gusa, ahubwo ko babigisha cane canekwiyungunganya, hamwe no kuba imboneza aho bari hose.

Kubwa SévérinTwagirayezu, umuhanuzi mu bushikiranganji bw’indero yari mu birori vy’ugutanga izo mpapuro z’umutsindo, Uburundi bugiye kuzohora bwakira abanyeshure bavuye mu bindi bihugu baje kurondera ubumenyi mu Burundi. Avuga ko ari iterambere rinini kubona Uburundi buriko buraramura abanyeshure biga amashure yo ku rwego rwo hejuru.

Abanyeshure baronkejwe impapuro z’umutsindo bakaba bagera kuri 62, muri bo 42 bize mu nyigisho nshasha (Baccalauréat), 20 baronse impapuro z’umutsindo zisumbuye (Master). Abo basohotse bagira umugwi wa 4 uramuwe kuva Kaminuzaya "Leadeship" itanguye gukora mu mwaka wa 2012.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha