Ikibazo c’igice ca kabiri c’ishure shingiro catanguye

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 19 juin 2017 saa 04:38
Yasomwe : 5049
0 0

Ikibazo gitanga uburenganzira bw’ugutangura igice ca kabiri c’ishure shingiro gikorwa kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 20 gushika kuwa 22 Ruheshi 2017. Abanyeshure bahejeje umwaka w’icenda w’ishure shingiro hamwe n’abayobewe mu mwaka uheze ariko bavyipfuza gusubira gukora ico kibazo, akaba aribo bitezwe mu bibanza bitandukanye ico kibazo kizokorerwamwo.

Ubushikiranganji bw’amashure mato mato n’ayisumbuye buvuga ko abananiwe mu myaka iheze biga mu myaka ya 10 n’umwaka w’9, ababishaka bazosubiramwo ikibazo. Abananiwe mu mwaka w’10 bazokora kuvyo bize mu mwaka w’10 imbere y’uko bayoberwa.

Muri ubwo bushikiranganji baragabisha aboshaka guhungabanya ico kibazo, hamwe n’aboshaka gukora ubusuma bwaco. Ubwo bushikiranganji bumenyesha ko abanyeshure bazofatwa bivye kimwe mu bibazo bazokora, ko n’ivyo bazoba bakoze vyose bizoba bibaye impfagusa.
Ibihano navyo bikomeye vyarategekanijwe ku bigisha bokwagirizwa kugira uruhara muri ubwo busuma, muri ivyo bihano hakaba harimwo n’ukwirukanwa mu kazi.

Izindi ngingo zafashwe mu ntumbero y’ukurwanya ubusuma bw’ico kibazo, akaba ari uko abigisha bazocungera ikorwa ry’ivyo bibazo bazoba ari abavuye mu yandi mashure. Ni ukuvuga ko ata mwigisha azoba arekuriwe gucungera ikibazo kw’ishure asanzwe yigishako, hamwe n’abana yigisha.

Amakenga kw’iyibwa ry’ico kibazo avuzwe inyuma y’aho hari ingingo yafashwe umushikiranganji w’amashure y’intango n’ayisumbuye, ivuga ko abayobozi b’amashuri adashikana ibice 30 kw’ijana mu kibazo ca Reta bazoca bakurwa mu muri ayo mabanga. Abatari bake bakagira amakenga ko hari abayobozi b’amashure canke abigisha bashobora kwikika mu kiza, bakibira ibibazo abanyeshure babo.

Mu bushikiranganji bw’amashure y’intango bamenyesha ko abanyeshuri 144795 bari mu mice itatu aribo bazokora ico kibazo, kandi mu muce wose bakazokora ivyo bize.

Tubamenyeshe ko abazosubiramwo ikibazo bahora biga mu mwaka w’9 ari 17475, abahora biga mu mwaka w’10 nabo bakaba ari 11327.


Kumenyekanisha

1
ZECHIEL 20-06-2017 à 12:35

EMWE BATUGERAGEREZE TUREBEKO BOMENYA KUBERA UBUSHUMERI BWABAYE BWISHI .

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha