Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Amashuri
Ikibazo co kuja mu gice ca kabiri c’ishure nshingiro kizokorwa kw’igenekerezo rya 5 gushika kurya 7 Ruheshi
Yanditswe taliki ya 21-05-2018 - isaha 08:16'

Mu gihe kur’uno wa gatandatu igenekerezo rya 19 Rusama 2018 ariho hatangura igikorwa co gutora ikibazo gitanga uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri c’ishure nshingiro, Leopold HAVYARIMANA yavuze kandi ko ico kibazo kizokorerwa mu bibanza 1015 vyategekanijwe mu gihugu cose, kandi ko ivyigwa bitandatu arivyo abanyeshure bazokora.

Umunyamabanga ntayegayezwa, Leopold HAVYARIMANA, yamenyesheje ko ivyo vyigwa, ari igifaransa, ibiharuro, icongereza, igiswahiri, icigwa c’ubuhinga, n’icigwa co kwitunganiriza imirimo.

Leopold HAVYARIMANA ahamagarira abanyeshure kugumiza umutima mu nda, bakaguma bitegurira ikibazo, kizotorwa ku rutonde rw’ivyigwa bize.

Ivyiyumviro vyanyu

Muvyukur imana nibaje imber kand bashir umutima munda vyose birashoboka kubwubunt bw,imana amen.

30.05.2018 à 21:46
Thierry-geba

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.