Accueil > Amakuru > Amashuri > Ikibazo gitanga uburenganzira bwo kwiga igice ca kabiri c’ishuri nshingiro (...)
Ikibazo gitanga uburenganzira bwo kwiga igice ca kabiri c’ishuri nshingiro catanguye gukorwa
mardi 5 juin 2018
Umushikiranganji w’indero inyigisho z’ubuhinga n’imyuga,Janviere NDIRAHISHA niwe yuguruye ku mugaragaro ico kibazo, akaba yabikoreye i Nyakararo, mu ntara ya Mwaro.
Ico kibazo kizokorwa kuva kw’igenekerezo rya 5 gushika kurya 7 Ruheshi 2018, bikaba vyitezwe ko abanyeshuri 9925 aribo bazokora ico kibazo gitanga uburenganzira bwo kwiga igice ca kabiri c’ishuri nshingiro.
Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’indero, ariko atanguza igikorwa co gutora ico kibazo, yamenyesheje ko ico kibazo kizokorerwa mu bibanza 1015 vyategekanijwe mu gihugu cose, ivyigwa vy’igifaransa, ibiharuro, icongereza, igiswahiri, icigwa c’ubuhinga, n’icigwa co kwitunganiriza imirimo, akaba arivyo bizokorwa.
MUGISHA Van Naris
Messages
10 juin 2018, 15:15, par NDAYIKENGURUKIYE Ezechiel
IKIBAZO CO9ème umwaka2018 CARI KIGOYE CANE Appartir yivyakozw mumyaka ibiri iheze.