IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ikibazo gitanga uburenganzira bwo kwiga igice ca kabiri c’ishuri nshingiro (...)

Ikibazo gitanga uburenganzira bwo kwiga igice ca kabiri c’ishuri nshingiro catanguye gukorwa

mardi 5 juin 2018

Umushikiranganji w’indero inyigisho z’ubuhinga n’imyuga,Janviere NDIRAHISHA niwe yuguruye ku mugaragaro ico kibazo, akaba yabikoreye i Nyakararo, mu ntara ya Mwaro.

Ico kibazo kizokorwa kuva kw’igenekerezo rya 5 gushika kurya 7 Ruheshi 2018, bikaba vyitezwe ko abanyeshuri 9925 aribo bazokora ico kibazo gitanga uburenganzira bwo kwiga igice ca kabiri c’ishuri nshingiro.

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’indero, ariko atanguza igikorwa co gutora ico kibazo, yamenyesheje ko ico kibazo kizokorerwa mu bibanza 1015 vyategekanijwe mu gihugu cose, ivyigwa vy’igifaransa, ibiharuro, icongereza, igiswahiri, icigwa c’ubuhinga, n’icigwa co kwitunganiriza imirimo, akaba arivyo bizokorwa.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.