Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikigo c’ababirigi Enabel kigiye gutanga inyigisho nkarishabwenge ku bigisha (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ikigo c’ababirigi Enabel kigiye gutanga inyigisho nkarishabwenge ku bigisha (...)

Ikigo c’ababirigi Enabel kigiye gutanga inyigisho nkarishabwenge ku bigisha 13000

vendredi 30 mars 2018

Mw’itangazo ry’ikigo Enabel ryo kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 30 Ntwarante 2018, ico kigo kimenyesha ko izo nyigisho zizoba kuva kw’igenekerezo rya 2 gushika kurya 7 Ndamukiza 2018, mu makomine yose agize igihugu.

Muri iryo tangazo, ikigo Enabel kimenyesha ko izo nyigisho, zizohabwa abigisha mu ntumbero yo gufasha abigisha gushobora kugenzura no gukurikirana neza amashuri arimwo abanyeshure benshi.

Ikigo Enabel kimenyesha ko, izo nyigisho zo gukarihiriza ubwenge abigisha zizobafasha kandi abo bigisha gushikana ubumenyi butegerezwa ku banyeshuri 105000 bazoba bagiye mu gice ca gatatu c’ishure nshingiro mu mwaka w’ishuri 2018 ushira uwa 2019.

Izo nyigisho, ziri mu rukurikirane rw’inyigisho zitangwa n’umugambi PAORC-FE, igice ca kabiri, w’ikigo Enabel ,zatanguye mu kwezi kwa Munyonyo 2017.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.