Ikiringo c’imirwi CEPI na CECI yateguye amatora y’ibwirizwa nshingiro kigiye kurangira

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 29 mai 2018 saa 01:02
14310
0 0

Umurwi w’igihugu utegura amatora CENI, umenyesha ko imirwi itegura amatora mu ntara CEPI, izoheza ikiringo cayo mu mpera z’ukwezi kwa gatanu 2018, mu gihe imirwi itegura amatora mu makomine CECI izoheza ikiringo kw’igenekerezo rya 15 Ruheshi 2018.

Nk’uko biri mu rwandiko rwateweko umukono n’umukuru w’umurwi CENI, Pierre Claver NDAYICARIYE, kw’igenekerezo rya 24 Rusama 2018, amenyesha ko yaba CEPI canke CECI yose yari ifise ikiringo c’amezi atanu yo gukora.

Muri urwo rwandiko, umurwi CENI umenyesha ko, ibikorwa vy’umurwi utegura amatora mu ntara CEPI nk’ibijanye no kugenzura ibigega n’ibindi, bizoca bibandanya bikorwa n’inzego zo hejuru zitwara iyo mirwi nk’uko biri mu masezerano.

Umurwi CENI ugasaba ko abari bavuye mu buzi bari basanzwemwo bagiye gukora mu mirwi CEPI na CECI,mu ntumbero y’amatora y’ibwirizwa nshingiro, baca bandikira ibisata bijejwe ico gikorwa mu bushikiranganji bakukira.


Kumenyekanisha

1
totoshu 31-05-2018 à 14:15

REKA KUMBWIRA KZ IGIHE KIGIRA KIRANGIRE !!!!

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha