Imbonerakure za CNDD FDD zahaye agashimwe Petero NKURUNZIZA

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 19 Myandagaro 2017 saa 12:01
Yasomwe : 52047
0 0

Abo mu rwaruka rw’imbonerakure za CNDD FDD zo mu gihugu cose c’Uburundi bari mu ntara ya Gitega mw’ihuriro ryabo bitiriye "ImbonerakureDay". N’urwaruka rwo mu migambwe iri ku butegetsi mu bindi bihugu ruri aho mu ntara ya Gitega kwifadikanya n’umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi.

Ibihugu tumaze kumenya vyarungitse abaserukira urwaruka rwo mu mugambwe uri ku butegetsi ni Turquie, Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Cameroun, Tchad, hamwe na Sudani y’epfo.

Abitavye iryo huriro batanguriye ku bikorwa rusangi, bari kumwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, bakaba mbere bamuhaye agashimwe yashikirijwe n’imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD.

Kuri ako gashimwe, Imbonerakure za CNDD FDD zabwiye umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ko yohangama ku ngoma.


Kumenyekanisha

1
jo 28-08-2017 à 19:25

Ntibitangaje kubona kuri iyo cadeau muhaye uwo mwicanyi wanyu hariho umuhoro. Umuhoro niyo signe iranga interahamwe ndetse n’imbonerakure! Burundi wagorwa!

2
ZZ 22-08-2017 à 16:11

Harigihe kizagera akabazwa ibyo yakoreye abo akomeza kwica abandi akabagaraguza agati, nushake urye uri menge uzabibawa tu, baca umugani ngo akebo kajya iwa mugarura, nawe buriya bazagufunga bagukanire urugukwiye!

3
kigabo jean marie 22-08-2017 à 08:11

ngo ni ahangame ku ngoma, nako data ngo azova ku ngoma yezu agarutse sha ni mu bandanye amabi mukora iyo mw’ijuru irababona kandi izo bagerera nkuko mwagereye abandi.

4
fd 21-08-2017 à 12:44

Imbonerakure (Interahamwe) zahaye Interahamwe nkuru ngo agashimwe da!

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha