IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Imigambwe 7 yahagaritswe gukorera mu Burundi

Imigambwe 7 yahagaritswe gukorera mu Burundi

jeudi 13 Mukakaro 2017

Iyo migambwe ni PIT,VERT-INTWARI,CDP, NADDEBU,SONOVI,RUSANGI n’umugambwe ABAHUZA.

Nkuko biri mw’itegeko ry’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE ryo kuwa 12 Mukakaro 2017,iyo migambwe yahagaritswe gukorera ku butaka bw’Uburundi kuko idatanga ivyegeranyo vyerekana ingene ikoresha ubutunzi bwayo ku mwaka mwaka nkuko biri mw’itegeko rigenga imigambwe.

Iyo migambwe yagirijwe kandi ko haheze imyaka irenga itatu idatanga intonde z’abanywanyi bayo nk’uko biri mw’itegeko rigenga ingene imigambwe itunganijwe kandi ikora mu Burundi.

Gushika imbere yuko iryo tegeko ry’umushikiranganji risohoka ,imigambwe 43 niyo yari yemerewe gukorera mu Burundi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.