IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Imigambwe itavuga rumwe na reta yahamagariye abanywanyi kureka ibinyobwa (...)

Imigambwe itavuga rumwe na reta yahamagariye abanywanyi kureka ibinyobwa vya BRARUDI

mercredi 21 Munyonyo 2012

Urunani ADC-Ikibiri ruhuza imigambwe itavuga rumwe na reta yahamagariye abanywanyi b’ayo bose kureka kunywa ibinyobwa vya BRARUDI mu kiringo c’iminsi ibiri kuva kuri uyu wa kane gushika ku wa gatanu w’iyi ndwi. Ivuga ko ishaka kwiyamirizwa itotezwa rigirirwa abanywanyi b’iyo migambwe.

‘’Ntihagire umunywanyi n’umwe wacu azohirahira ngo anywe inzoga canke ikindi kintu cose gihingurwa n’ihinguriro BRARUDI muri iyi minsi ibiri kuva ku wa kane gushika ku wa gatanu’’. Uko niko Leonce Ngendakumana arongoye imigambwe itavuga rumwe na reta yabivuze mw’itangazo yasomeye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu imbere y’umutaga.

Yamenyesheje kandi ko abanywanyi b’iyo migambwe bazogerageza bareke gukoresha amaterefone yabo yaba ngendanwa canke izo mu nzu amasaha atatu kuva isaha zibiri gushika isaha zitanu ku munsi wa gatanu w’iyi ndwi. Yasiguye ko iyo migambwe ishaka kwiyamiriza itotezwa ngo rigirirwa abanywanyi babo.

Leonce Ngendakumana yavuze kandi ko badashaka kuhana ihinguriro BRARUDI canke amashirahamwe yo gutumanatumanako amakuru, ahubwo ngo ni ukwereka reta ko amakori n’amatagisi ikoresha atangwa n’abanyagihugu mu kugura canke kugurisha ivyabo. Ati ‘’Iyo tuguze ibinyobwa tuba duhaye amafaranga reta yo guhemba abapolisi kandi aribo ikoresha mu kudutoteza’’. Asaba ayo mahinguriro kwihangana kuko ngo aguye mu mporero y’ibikorwa vya reta.

Kugira ngo iyo migambwe ifate ingingo nk’iyo, ngo n’uko igipolisi kimaze kubuza kabiriri kose muri uku kwezi inama z’iyo migambwe. Ubwa mbere ngo yari inama yateguwe muri komine Rumonge intara ya Bururi italike 11, ubwa kabiri naho ngo hari kuri uyu wa mungu muri zone Gatumba intara ya Bujumbura. Aho hose igipolisi ngo carabatangiriye kirababuza ko bashika ahabera inama, hari mbere n’abantu bakubiswe barakomereka. Ngendakumana avuga ati ’’Ntidushobora kuvyihanganira, dutegerezwa gufata ingingo zose zishoboka’’.

Yaba reta , ihinguriro ry’ibinyobwa BRARUDI canke amashirahamwe yo gutumanatumanako amakuru ntanakimwe bashikirije kuvyerekeye iyo ngingo yafashwe n’imigambwe itavuga rumwe na reta.

Si irya mbere haba imyiyerekano yo kureka ibinyobwa vya BRARUDI mu kiringo c’iminsi ibiri.Vyaheruka kuba mu kwezi kw’indwi uyu mwaka, ariko hoho akamo kari katewe n’ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO ryashaka kwiyamiriza iduzwa ry’ibiciro ryari ryabaye. Mu nyuma, BRARUDI yavuze ko ryahahombeye amafaranga Atari make. Reta n’ayo yahavuye itangaza ko yiyamirije iyo myiyerekano yari yahamagawe n’ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO.


Bonesha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.