IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Imigambwe ntirekuriwe kuronka imfashanyo y’amafaranga avuye hanze

Imigambwe ntirekuriwe kuronka imfashanyo y’amafaranga avuye hanze

vendredi 15 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Ingingo ya 83 y’integuro y’iryo bwirizwa shingiro rigiye guhinyanyurwa ivuga ko bibujijwe ko imigambwe ihabwa imfanshanyo y’amafaranga ivuye mu mahanga. Iyo ngingo ivuga ko iyo mfashanyo izoshobora gutangwa ari uko habonetse ibwirizwa ribitangiye uruhusha rudasanzwe.

Iyo ngingo ivuga iti : "Imfashanyo y’amafaranga iyo ari yo yose yoshobora kubangamira ukwikukira kw’igihugu n’ukukibuza kwitunganiriza ivyaco irabujijwe. Ibwirizwa ni ryo ritomora kandi rikaringaniza aho imfashanyo z’imigambwe zikomoka."

Ingingo ya 84 nayo ivuga ko mu ntumbero yo gutsimbataza intwaro rusangi, ibwirizwa rishobora kurekurira imigambwe kuronka imfashanyo ku buryo bungana, hakurikijwe igitigiri c’intebe iyo migambwe ifise mu Nama nshingamateka.

Iyo ngingo ivuga iti : "Iyo mfashanyo ishobora kuba ari iyo gufasha imigambwe
mw’irangurwa ry’ibikorwa vyayo vya misi yose canke mu gihe c’ukwiyamamaza mu matora, kandi itangwa ku mugaragaro. Ubwoko bw’imfashanyo n’ukworoherezwa Reta ishobora kwemerera imigambwe bitomorwa n’ibwirizwa."


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.