Impanuka y’umuriro yahitanye amatoni arenga 30 y’imyumbati n’ibigori

Yanditswe na IGIHE
Kuya 11 Myandagaro 2017 saa 10:20
Yasomwe : 7362
0 0

Amatoni arenga 30 y’imyumbati n’ibigori hamwe n’isyo 12 nivyo vyahiriye mu muriro wateye ikibanza kiri mu ntara ya Muyinga, mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu.

Abahora bakoresha izo syo zahiye bamenyesha ko uwo muriro yibonekeje hafi isaha umunani z’ijoro, bakavuga ko woba watewe n’umuyagankuba myinshi warungitswe n’ishirahamwe REGIDESO muri iryo joro. Mu giporisi kijejwe kurwanya impunuka ntibaravuga icoba cateye uwo muriro.

Muri ico giporisi kijejwe kurwanya impanuka bakaba baranyarukiye kuzimya, ivyafashije kugira ibindi bibanza vyegereye ahariko harasha ntibishikirwe.


Kumenyekanisha

1
Nyumusi 13-08-2017 à 11:14

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha