IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Inama nkenguzamateka yasozeye ibikorwa vy’isasa vya myandagaro

Inama nkenguzamateka yasozeye ibikorwa vy’isasa vya myandagaro

Wednesday 31 October 2018, by vianney

Mw’ijambo ryiwe ryo gusozera iryo sasa ry’ukwezi kwa munani,umukuru w’inama nkenguzamateka Reverien NDIKURIYO yamenyesheje ko muriryo sasa bemeje integuro z’amabwirizwa 8 ku nteguro 17 reta yari yarungikiye inama nkenguzamateka.

Reverien NDIKURIYO yavuze ko ibindi baranguwe muri ico kiringo ari gukwirikirana ingene amabwirizwa bemeza ashirwa mu ngiro ,kugendera abanyagihugu mu makomine atandukanye mu ntumbero yo kubahimiriza kwijukira ibikorwa hamwe n’icegeranyo basize ahabona cerekeye ingene inyubako mu gisagara ca Bujumbura zubatswe zitisunze amategeko.

Uyo mukuru w’inama nkenguzamateka avuga ko mu buruko bagiyemwo bazobandanya ibikorwa vyo gusuzuma ko itunganywa ry’ibisagara rikorwa hisunzwe amategeko,kubandanya bahimiriza abanyeshure kwirinda inda z’indaro hamwe no kuzokomeza igikorwa co guhimiriza abanyagihugu kwijukira ibikorwa vyo kwiteza imbere.

Inama nkenguzamateka izosubira gukorana mu bikorwa vyayo vy’isasa rya Kigarama kw’igenekerezo rya 3 Kigarama umwaka wa 2018.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.