Indirimbo 10 za mbere muri "Isanganiro Awards" zatowe

Yanditswe na Cherif NKESHIMANA
Kuya 10 Gitugutu 2017 saa 09:27
Yasomwe : 5670
0 0

Umurwi uriko utegura ihiganwa ryitiriwe "Isanganiro Awards" waraye usohoye urutonde rw’indirimbo icumi rugiye kuzotorwamwo iya mbere izohabwa agashimwe. Uno mwaka, ntibizoroha narirya mu bariko bahiganwa harimwo ibihangange vyamaze kwandika amateka mu muziki.

Nk’uko vyama bigenda, muri izo cumi hazotorwamwo imwe izotwara agashimwe k’iyi ncuro ya gatandatu y’ihiganwa. Mu giteramo c’ugutora iyo ndirimbo, niho umurwi wateguye iryo higanwa uheza ugashikiriza ku mugaragaro agashimwe umuririmvyi wa mbere w’umwaka.

Kuri iyi ncuro ya gatandatu y’ihiganwa, habonekamwo ibihangange vy’abaririmvyi bari basanzwe bazwi cane mu muziki, aha tukavuga umurwi wa Peace and Love ufisemwo indirimbo zibiri, Natacha na B-Face. Biboneka ko atari igikorwa coroshe ku murwi kugira utature abo baririmvyi.

Tubibutse ko incuro ya gatanu y’Isanganiro Awards yatsindiwe naSpok’s. Abandi bamaze gutsinda iryo higanwa ni : Rally Joe, Yoya, Mkombozi na N John Melodica.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha