IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > "Ingingo yafashwe ntifitaniye isano n’ugusubira kwitoza kwa Petero (...)

"Ingingo yafashwe ntifitaniye isano n’ugusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA"

mardi 13 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Iyo ngingo yafashwe mu nama y’iminsi ibiri y’abagize Komite Nkuru y’uwo mugambwe, inama yabereye mu ntara ya Ngozi ku magenekerezo ya 9-10 Ntwarante 2018. Muri uwo mugambwe bavuga ko iyo nama yabaye mu ntumbero y’ugusuzuma aho ishirwa mu ngiro ry’imigambi y’uwo mugambwe CNDD_FDD wiyemeje, bongere bahanahane ivyiyumviro ku ngingo zibereye zotuma bashika kw’ihangiro biyemeje ryo guteza imbere Uburundi.

Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD aravuga igituma iyo ngingo yafashwe y’ukugira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA "Imboneza yamaho y’abagumyabanga bose mu mugambwe CNDD-FDD"

"CNDD FDD ni umuryango uzira ubusimbirahamwe. Nta muryango ubura serugo canke imfura, abagumyabanga bihweje intambwe ishimishije Nyenicubahiro umukuru w’igihugu cacu Petero Nkurunziza ashikanyeko abarundi n’Uburundi, agaciro k’ibikorwa n’impanuro bikomeye atanga, baremeje ko ari indongozi itazimiza kandi ko ari we musa ari Imboneza yamaho y’abagumyabanga bose mu mugambwe CNDD-FDD."

JPEG - 42.6 ko
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD

Mu mugambwe CND FDD bamenyesha ko muri iyo nama, n’izindi ngingo zafashwe.

"Ingingo zafashwe rero n’inama Nkuru ni ingingo zijanye no gutunganiriza abenegihugu ata n’umwe avuyemwo. Izo nazo ni nkizo kurwanya ba kaboko n’abasesagura itunga rusangi, kurwanya ubunebwe, kurwanya ubugaba bwibonekeza mu bakozi ba reta n’indongozi zimwe zimwe. Abagumyabanga bakaba bahamagariwe kuba akarorero mu gutuza ako karanda kazingamika iterambere ry’igihugu. Mw’iterambere rusangi, Komite nkuru y’Umugambwe CNDD-FDD yasanze ari ngombwa ko amakoperative aba ariyo aba inkingi y’iterambere rusangi. Abagumyabanga na cane cane incambwenge basabwe gufata iyambere mu migambi igirira akamaro abenegihugu, iyo bavuka canke baba ; bagakorana n’abenegihugu mu makoperative y’iterambere kuva ku rwego rw’intango ariyo nama nshingiro. Umwimbu bazokwerekana niwo uzobabera icemezo mu guhabwa amabanga mu gihugu."

Uwo mugambwe uvuga ko utazokwihanganira abatazokwubahiriza izo ngingo zafashwe : "Uwuzotirimuka kw’ibanga azokurwa mumabanga yari ajejwe no mu mugambwe, ndetse n’abandi bakozi ba Leta batazokora bisunze akarangamutima ko gutunganiriza abenegihugu no kwubaha itunga rusangi nabo nyene bazosubirizwa."

Uwo mugambwe usaba abarundi bose kudoma ko urutoke kuri abo bose bagira inyifato ituntuza abenegihugu, abo ni cane cane abarya ibiturire n’abasesagura itunga rusangi, abarenganya abenegihugu, abitwaza amacakubiri ayariyo yose no gukumirana, kugirango bafatirwe n’ibihano ruhasha hakiboneka ibimenyetso vya mbere.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • abagunyabanga bukuri ba cnd fdd bagira bagarukire igihugu. bahamagariwe gutuza ako karanda kazingamitse abanyagihugu bishweninzara. mutwemereyeko mugiye kudukurako urursyo ruturemereye imana ibibafamwo . mutwemereyeko abanyagihugu tugiye kwidegevya . atakunyuruzwa ata kwicwa evariste tugiye kubashimira imanibajimbere murakoze

  • Ego muvyeyi, ariko si ubwa mbere uvuga gutyo. Ejo bundi wavuze ko ivyabaye vyose ubifuse ko usavye imana ngo ibabarire abo bose baragiriye inabi abandi ko kandi yari italiki yo kwibagira ibibi vyose vyakozwe. Mugabo ntibwakeye kabiri wewe nyene uca wifatira mu mutwe umukoloni ngo niwe azingamitse igihugu. Wari wibagiye ko Uburundi butigezwe bukolonizwa , ko bwamanye Umwami n’abagabo, ko na ONU itigeze ishira Uburundi mu bihugu vyakolonijwe, ahubwo ko bwari kui sous- tutelle. Tangura mugarukane imvugo y’ukuri kandi ihumuriza. Ahandi ndi bizotugora kwemera ivyo muvuga

  • Imboneza yamaho y’abagumyabanga bose mu mugambwe CNDD-FDD. "yamaho" bivuga "eternel" kandi tukaba tuzi yuko iri jambo barikoresha ahanini bashaka kuvuga "Imana" rurema vyose (Kibirengeye Kizima). Murunva rero ko atari vyiza puisque Dieu est tres jaloux et n’ aime pas une persone qui se substitue sa place.

  • TURASHIMIYE CANEGOSE INDONGOZI ZUMUGAMBE CNDD-FDD KUCUBAHIRO NIKIBAZA MWAHAYE SEBARUNDI MUMUGABWE. N’IMIGAMBI MYIZA IGIYE GUFASHA TWEBWE ABENEGIHUGU MWARAYE MUPFUNDI TSE,NIMPANURO MUDAHENGESHANY AKUDUHA.HARAGEZE KONATWE DUFATA IYAMBERE MUKUYISHIRA MUNGIRO,NOMUGUTUZA INTUMVA MUKUZIDOMA KURUTOKE .

  • Yarivugiye ubwiwe ko atazosubira kwitoza ko iki kiringo yise ica 2 giheze azoca akinjura.Evariste rero yibagiwe kubimwibutsa.
    Nayo ivy ibiturire ntimuzoze murabivuga cane kuko Imana mwemera irahana umuntu atoteza abandi canke arya ingurire gushika ku runganwe rwa 4.

  • Iconzicoco ntibarota baduta mukaga natwetu barinyuma gushika kuktanyuma tumutangurize mungu mbere emen

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.