IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impanuro > Inkurikizi mbi y’ukunywa inzoga ku bakiri bato

Inkurikizi mbi y’ukunywa inzoga ku bakiri bato

lundi 5 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Mu Burundi, si agaseseshwa rumuri urwaruka rwishi rutangura kwihereza inzoga hakiri kare. Mu cigwa cakozwe n’ishirahamwe ryaba Guides bo mu Burundi mu 2009 barerekanye ko abana batangura kwihereza inzoga bafise imyaka iri hagati y’6 na 20 mu Ntara 5 z’iguhugu aho hakaba harimwo Bujumbura Mairie, Ngozi, Gitega, Ruyigi hamwe na Makamba.

Umuntu afatiye kuri ivyo biharuro, biribonekeza ko urwaruka rwo mu Burundi rutangura kwihereza inzoga hakiri kare cane.

Kubera iki urwaruka rutangura kunywa inzoga kare?

Kubwa Ida Claire MUHOZA arongoye umugambi wo guhimiriza urwaruka kumenya amabi aterwa n’inzoga, hari ibituma vyinshi.
Icambere n’uko aho hagati mu gihugu ibinyobwa bitambiye bidashikayo neza aho rero ugasanga abavyeyi barasomya abana akayeri, impeke canke akarwa.

Hari n’iyindi migenzo itari myiza yadutse mu banyeshure b’i Bujumbura yitwa gukosora (iyo bahejeje ibibazo vyo kw’ishure), bye bye week end, n’ibindi bituma urwaruka ruhurira ku nzoga.

Ni izihe ngaruka mbi zizanwa no kunywa inzoga ku muyabaga

Kubwa Muganga Marlene Ishimwe, ingaruka mbi ni nyinshi cane. Umubiri w’umuyabaga ntuba urakomera kandi uba udashobora kwihanganira inzoga nyinshi, uko umuyabaga amenyera inzoga bituma zimwizizira ntabe agitegeka umubiri wiwe, ahubwo usigaye utegekwa n’inzoga.

Ubwonko bw’umuntu buheza gukura ku myaka 20 muri rusangi, Muganga Marlene Ishimwe arabandanya ati : ku mwana w’imyaka 14 ,16 ubwonko bwiwe ntibuba buraheza gukura, inzoga kuriwe zonona ubwonko bwiwe kuko zinsinzikaza udutsi two mu bwonko bita Neurones.

Umwana kandi araheza akagira ingorane z’amaso, gusinzira ntabe agisinzira neza ngo kandi n’igikuriro ntikiba ciza bitewe n’izo nzoga.

Ikindi nuko uwo muyabaga naho atobona ingaruka mbi zo kunywa inzoga buno nyene, biramuzanira ibirwara bikomakomeye muri kazoza nk’ingwara y’igitigu, ingwara z’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso (hypertension, AVC) n’ibindi bigwara bitandukanye.

Yoba ari ingorane y’abahungu gusa?

Ida Claire Muhoza arongoye umugambi wo guhimiriza urwaruka kumenya amabi aterwa n’ukunywa inzoga agira ati " "Ubu n’abakobwa bakiri bato dusigaye tubona bihereza vya biyoga bikomakomeye nkama liqueurs bakagenda barahanahana uturahuri kandi ivyo turazi neza ko bizana ingaruka mbi muri kazoza igihe bazoba bageze kurondoka kuko imibiri yabo izoba yaramaze kumera nabi.

Kubwa Muganga Marlene Ishimwe, imiyabaga ikiri mito ntiyokwihutira kuywa inzoga cane bakiri bato kuko utayironse ntaco vyica, atari kukuzanira ingaruka mbi ku amagara. Ahubwo nyabuna abasaba ko borondera utundi tuntu bakora haba nko kwinonora imitsi (Sport) canke kuja mu mirwi y’abiga indimi canke ibindi bisa n’ivyo, gutyo ntibabe bakironkera umwanya izo nzoga zibicira amagara.


Ornella DUSHIME

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.