IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impanuro > Impanuro zo gufungura mu minsi mikuru ya Noel n’umwaka mushasha

Impanuro zo gufungura mu minsi mikuru ya Noel n’umwaka mushasha

jeudi 25 Kigarama 2014

Mu minsi mikuru, haba ku bifise, haba ku babayabaye canke ku batifise, abantu bose baragerageza kwinezereza, mu gukora ivyo batahora bakora, haba mu kwambara canke mu gufungura.
Mu gutegura iminsi mikuru, birakwiye ko umuntu wese yiyumvira ingene agiye kwinezereza kuko iyo habaye indenzarugero muri iyo mice yose, bishobora kugira inkurikizi inyuma y’iyo minsi mikuru.

Dufatiye nko ku bijanye no gufungura mu minsi mikuru, ni ngombwa ko umuntu wese yicungera, kugira ntahave afungura ibizomuzanira ingaruka mbi ngo n’uko abironse gusa mu minsi mikuru.
Mu minsi mikuru, indya nyinshi zitekwa akenshi mu buryo zitahora zitekwa kuko zongerezwamwo ibintu vyinshi bizihindura, aho twovuga nk’amavuta, ibirungo, ibisosa, bagashiramwo isukari nyinshi, n’ibindi.

Zimwe mu mpanuro muganga Bertrand Guerineau asanzwe anavura abantu bagize ingorane zivuye kuvyo baba bamfunguye, zivuga ko umuntu wese aho yoba ari kwisi yose, kutikinga inyuma y’iminsi mikuru mu gufungura ivyohava vyonona amagara yiwe. Muvyo umuntu wese asabwa kwirinda : ni gufungura urugezo ruri hejuru rw’ivyo yahora afungura, haba ku mavuta yo mu ndya, isukari, canke no mu kunywa inzoga.

Ku bari bafashe ingingo yo kwisonzesha imbere y’iminsi mikuru kugira bagabanuke « régime », basabwe kutoca babihagarika muri iyo munsi mikuru. Ari naco gituma atari na vyiza kwisonzesha iminsi mikuru yegereje kugira birinde kuzohava bafungura cane kandi mu buryo atari bwiza muri iyo minsi mikuru.

Inyuma y’iminsi mikuru ya Noweri na Bonane, abantu bose bahanuwe kwinonora imitsi kugira bashobore gusohora neza ivyo bafunguye muri iyo minsi, haba amavuta canke isukari yoba yiyongeye mu mubiri.

Mwomenya ko hari n’abantu bahora bahasiga ubuzima bwabo biturutse ku ndya nyinshi baba bafunguye mu minsi mikuru.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.