Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impanuro > Abakobwa bambara ama "Strings" baragabishwa
Abakobwa bambara ama "Strings" baragabishwa
mardi 6 Nzero 2015
Abakobwa bambara uduhuzu two munsi two mu bwoko bwa "Strings"baragabishwa kubera ingaruka mbi ku magara ziterwa n’utwo duhuzu. Basabwa guhagarika kwambara ayo ma "strings".

Ku cigwa cakozwe n’abaganga Dr Jil Rabin na Dr Shieva Ghofrany bo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu mwaka w’2013, barerekanye ingaruka mbi zitegwa n’ama "Strings". Ingaruka mbi ya mbere itumwa n’uko ako gahuzu ko munsi gakozwe n’ipampa "coton" bigatuma agace gatoyi gafuka igitsina gore kadashobora gukinga umuyaga canke iyindi micafu iza kwinjira mu gitsina gore ivuye hanze. Ikindi n’uko ama "Strings" ashobora gukomeretsa uwuyambaye kubera akagozi gaca hagati mu maguru kaba kameze nk’umuhiro, iyo rero umukobwa canke umugore yambaye hejuru ya "String" ipantaro y’umubiri ugumye nka "Jeans" biratuma umuntu akomereka kubera iyo pantaro iza irakwega kakagozi ka "string". Igitsina gore ntikiba kiri mu mutekano mu gihe uko umukobwa atambuka ya pantaro iguma iduza imanura ka kagozi, igitsina kigashobora kuhakomerekera.
Si ivyo gusa, abo baganga bemeza kandi ko "String "ituma uwurwaye za ndwara zifatira mu bihimba vy’irondoka zifata ibihimba vy’irondoka canke ukaringoti kazana umukoyo "infections urinaires ou vaginales" zidakira ngo zihere kubera imicafu iguma yinjira mu gitsina bivanye n’umwanya munini umukobwa aba yambaye iyo "string".
Cherif Nkeshimana
Messages
6 Nzero 2015, 14:15, par Mvuyekure Pierre
Vraiment Nivyo Birumvikana Gose.Bashiki Bacu Ni Bahindura Ama Sous Vêtements Ahandi Ho Bohava Batwononera Ibirato.
27 Rusama 2015, 17:33, par ERIC Sinabikeka
ikibwirwa nicumva abakobwa barakwiy kwikubita agashi kuko iyampanuru irahambay
7 Ruheshi 2015, 18:13, par bella
vyukuri bokwisubirako kuko ivyobirasamaza abajenebeshi
7 Ruheshi 2015, 18:14, par bella
vyukuri bokwisubirako kuko ivyobirasamaza abajenebeshi
13 Mukakaro 2015, 11:34, par Franck Itonde
Ni bumve ko bibatera indwara nayahandi bazibonerako.
13 Mukakaro 2015, 11:36, par Franck Itonde
Ni bumve ko bibatera indwara nayahandi bazibonerako.
19 Mukakaro 2015, 15:08, par GILBERT
ivyo birabaraba nibikebuke
19 Mukakaro 2015, 15:08, par GILBERT
ivyo birabaraba nibikebuke
21 Rusama 2016, 12:45, par erifaze
Zivakurivyo? Ahontawukigwara
4 Rusama 2017, 20:33, par suma lee gashema
baragowe ndake babe bumva ko bokwirinda nibibasha
12 Rusama 2017, 23:36, par belyse
Murakoz twabigira tutabizi
8 Ntwarante 2018, 10:00, par Aferky
String benshi bazikundira ko zitabagora, hashitse ko hari uwo bagomba kwihera vyihuse. Cane cane nko mutubare, canke muri boite. Ntiyigwa arakuramwo
4 Ndamukiza 2018, 23:00, par Viaip%
Nibatisubirako Baragowe Ndakubariye .