IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impanuro > Ni kuki ari ivyankenerwa gufungura ubwoko bw’imfungurwa zose?

Ni kuki ari ivyankenerwa gufungura ubwoko bw’imfungurwa zose?

lundi 12 Myandagaro 2013

Mu bwoko butatu bw’indya buhari, nta na bumwe bwari bukwiye kwibagirwa mu gufungura. Muri Ntanganguvu tuhasanga ahanini nk’ibiterwa mva kuzimu, ari nk’ibiraya, ibijumbu, umuceri, n’ibindi. Imfungurwa ndema mubiri, ni nk’inyama, ibiharage, amafi, amagi, ubushaza, ibizinu, n’ibindi. Muri nsanganyangaburo naho, n’imboga n’ivyamwa bivugwako cane.

Ubwo bwoko bw’imfungurwa uko ari butatu busanzwe burimwa hano mu Burundi, mbere n’ibice bigera ku 90 kwi 100 vy’abarundi bakaba babeshejweho n’igisata c’uburimyi. Ikibabaje kandi n’ubu kitaratorerwa inyishu neza, ni ikibazo co gufungura nabi cabaye akayobera bahinga mu Burundi. Athanase Ntiyangogeye, umuhinga mu bijanye no gufungura yagize icavuze kubijanye no gufungura nabi mu Burundi. Yamenyesheje ko muvyirwa vyakozwe n’abashakashatsi, basanze abarundi badafata ubwo bwoko butatu bw’imfungurwa ku rugezo rukwiye kandi abatari bake basanzwe bavyirimira mu ngo zabo.

Ikibazo umuntu yoca yiyumvira aho, ni ukungene abarundi bafungura nabi kandi ibice 90 kwi 100 basanzwe ari abirimizi. Umwe mubo twayaze, yatanze insiguro avuga ko bimwe muvyoba bituma abantu babandanya bafungura nabi, hari ukutamenya ivyo umubiri uba ukeneye, ari nk’ivyunyunyu canke amavitamine. Ikindi naco, haraho usanga biva ku biterwa bikunda kurimwa mu ntara. Akarorero, nk’ahantu hamera cane umuceri. Ahamera naho nk’ibiraya, bakitaho cane ivyogusa.

Ku bw’umuhinga mu bijanye no gufungura, Athanse Ntiyanogeye, imbere yo gufungura, abantu bakwiye kwama bibuka ko hari ubwoko butatu bw’imfungurwa, kandi ko ari ngonbwa ko bafungura ubwo bwoko bwose bw’indya.
Ikindi naco, ni vyiza kwigerera mu gufungura ubwoko bw’imfungurwa, ariko imboga n’ivyamwa bikaronka ikibanza kinini. Ku bakiribato hoho, ni ivya nkenerwa cane ko bafungura ibikwiye ku kobaba bagikeneye gukoresha inguvu nyinshi. Ku bantu bamaze kushitsa imyaka 40, amavuta, imfungurwa z’ibinure, umunyu n’isukari barakwiye kubigabanya ku rugezo ruboneka kuko umubiri wabo uba utakibikeneye cane.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, Athanase Ntiyanogeye, yarangije ahanura abantu bareka agufungura ngo bashaka guta ibiro. Ati : « kureka gufungura sivyo bituma umuntu ata ibiro yoba yipfuza , ahubwo gufungura ubwoko bwose bw’indya kurugezo rukwiye na cane cane imboga n’ivyamwa, ni vyo bitanga amagara meza ». Ikindi, naco gikwiye guhabwa agaciro kanini, ni ukunywa amazi menshi ku munsi, umuntu akayanywa, umubiri utarinze kuyisabira.


Mariella Bukuru

Messages

  • abantu benshi dufungura nabi ku gutamenya. Abarundi barakunda kwirengagiza ivyo birimira bakabikengera kandi arivyo vyari bibafitiye akamaro kanini. Akarorero. Ikijumbu ni imfungurwa nziza cane ariko abanshi iyobakize baca bagikengera nuwugifunguye akabanza kukigira ifiriti. Birakwiye ko abarundi twigishwa ivyo dukwiye gufungura bitugirira ikimaz.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.