Intumwa idasanzwe ya ONU yatanguye urugendo mu Burundi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 28 Ruheshi 2017 saa 08:29
Yasomwe : 18846
0 0

Intumwa idasanzwe y’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi Michel Kafando ari mu Burundi kuva ku mugoroba wo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 27 Ruheshi 2017, mu rugendo bitegekanijwe ko azobonana n’abategetsi bakomakomeye b’igihugu.

Amakuru dukesha itorokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP, amenyeshako mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bamenyesheje ko Michel Kafando aje mu Burundi kugira amenyane n’umukuru w’igihugu,kuko ari irya mbere azoba abonanye nawe.

Ayo makuru nyene akamenyesha ko, mu biro vy’umukuru w’igihugu bemeje ayo makuru, kandi ko bitegekanijwe ko Michel Kafando abonana n’umukuru w’igihugu kuri uno wa kane igenekerezo rya 29 Ruheshi 2017.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP rimeneyesha ko bitegekanijwe kandi ko Michel Kafando aca bandaniriza urugendo kuy munsi wa kane,mu gihugu ca Tanzaniya,aho azobonana n’umufasha w’umuhuza mu bibazo vy’Uburundi Benjamin Mkapa, hanyuma akaja mu gihugu c’Ubuganda kubonana n’umuhuza akaba n’umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Kaguta Museveni.

Michel Kafando yagenywe kuba intumwa idasanzwe y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU mu Burundi, mu mpera zukwezi kwa gatanu,ngo asubirire Jamal Benomar yagirijwe na Reta y’Uburundi ko afise uruhara mu vyegeranyo bitavuga ukuri ku Burundi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha