IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Inyigisho z’inyongera zahagaritswe vy’agateganyo mu mashure

Inyigisho z’inyongera zahagaritswe vy’agateganyo mu mashure

jeudi 5 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Ubushikiranganji b’indero bwafashe ingingo y’uguhagarika inyigisho z’inyongera (Cours de renforcements) zahora zitangwa mu mashure atandukanye. Muri ubwo bushikiranganji bamenyesha ko bamwe mu bigisha bahora batanga izo nyigisho bashira imbere amafaranga kurusha ico gikorwa.

Nk’uko bishikirizwa na Juma Edouard, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero, inyigisho z’inyongera zari zisigaye zitangwa ku mafaranga menshi, ibitandukanye n’intumbero z’izo nyigisho.

Ubwo bushikiranganji bwashizeho umurwi wiga ico kibazo c’amafaranga atozwa abo banyeshure, kikaba cazanye impari hagati y’abayobozi b’amashure hamwe n’abagisha.

Mu ntumbero y’ukurwanya igiturire hamwe n’itunganywa ribi ry’amafaranga y’amashure, ubushikiranganji bw’indero bwashizeho inomero itariha, abafise ikibabakiye bagashobora guhamagara kuri 22 22 50 36.


IGIHE

Messages

  • natwe mu Rwanda izo nyigisho zarahagaritswe kuko wasangaga umwalimu yita cyane ku banyeshuli yahaga izo nyigisho kurenza abandi banyeshuli batiga izo nyigisho ndetse wasangaga abalimu bakopeza za examen abanyeshuli bigisha izo nyigisho zitwa cour du soir ni byiza cyane kuba ministeri y’ amashuli mu Burundi yahagaritse izo nyigisho zituma habaho ni giturire abanyeshili bamwe bakaguran amanota

  • Ego vyagorana kwer ,ndashimye komwaciye mushiraho izonomero

  • Ndabshimy can kko hahor higa aban baba boss twe banyarucar tukaharwa.

  • NGIRA MWATANZE HORAIRE NGUFI.BO NUKO BAKARONSE BATARUSHE.UBONA ICO KAMPA KUMARA 4ANS NKORERA ZERO!MUGA NZOKORA KANDI NEZEREWE

  • Qu’ils travaillent dans les memes conditions que les autres!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.