IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Inyigisho z’ukwongereza ubumenyi abanyeshure babanje kuriha amafaranga (...)

Inyigisho z’ukwongereza ubumenyi abanyeshure babanje kuriha amafaranga zahagaritswe

mardi 17 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Ubushikiranganji bw’indero bwafashe ingingo y’uguhagarika inyigisho z’ukwongereza ubumenyi (Cours de renforcement) zahora zihabwa abanyeshure bo mu mashure atandukanye. Muri ubwo bushikiranganji bavuga ko amafaranga atangwa muri izo nyigisho aza kuvuguruza umugambi wa Reta y’ukwigisha abana ku buntu, kuko abatayatanze babirukana canke bakababuza gukora ibibazo. Muri ubwo bushikiranganji bavuga kandi ko n’akanovera k’inyigisho gaca gatituka.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere, Janvière NDIRAHISHA, umushikiranganji w’indero yamenyesheje ko amashure azoshaka kwongereza ubumenyi bw’abanyeshure yobitunganya ku gatwe kayo, kandi ico gikorwa kikaba ku buntu.

JPEG - 119.9 ko
Janvière NDIRAHISHA, umushikiranganji w’indero

Mu gihe ayo mafaranga yahora atozwa n’ubuyobozi bw’ishure, akagabanganwa n’abantu bose barangurira imirimo kuri iryo shure, harimwo n’abatari abigisha. Kubw’umushikiranganji w’indero, bica bigora kumenya namba intumbero y’izo nyigisho ari ukwungura ubumenyi abanyeshure canke ukwongereza agashahara k’abakozi ko kw’ishure.

Ukutumvikana kuraheza kukiboneza mu kugabangana ayo mafaranga, nk’uko bivugwa n’umushikiranganji NDIRAHISHA, abigisha bamwe bamwe bakiziganya mw’ishure kugira baze kwigisha neza muri izo nyigisho z’ukwongereza ubumenyi, bamwe muribo mbere bakagira nkunzi kuri bamwe mu bana bigisha ku mugoroba.

Ubushikiranganji bw’indero bukaba bwafashe rero ingingo ko izo nyigisho zizotunganwa n’amashure ubwayo, kandi zitangwe ku buntu ku mashure bibonetse ko zikenewe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.