IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Isanganiro Awards : Ni ubwa mbere hatsinda umwigeme n’ururirimbo rwa (...)

Isanganiro Awards : Ni ubwa mbere hatsinda umwigeme n’ururirimbo rwa "Gospel"

dimanche 12 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Umuhingamo w’igenekerezo ry’icumi na rimwe Munyonyo waranzwe n’ibirori vyariko bibera ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika, ahitwa Lacoste Beach.

Mu mvura n’imbeho bivanze n’umuziki, umurwi utegura ihiganwa Isanganiro Awards warashoboye gutora ururirimbo rwa mbere mu ndirimbo icumi zashitse mu gice ca nyuma c’ihiganwa.

Umuririmvyi Vestine ntiyari yishikiye muri ico giteramo kubera atari mu gihugu c’Uburundi

"Vuga" nirwo ruririmbo rwa mbere rwatsinze iryo higanwa. Rwaririmbwe na Anrison Vestine, rukaba ruri mu rukurikirane rwiwe rwa mbere yise "Freedom" rukaba rwakozwe n’umuhinyanyuzi Amir Pro wo muri Ikoh Multiservice. Ni ururirimbo ruri mu gisata c’indirimbo za "Gospel", indirimbo z’uguhimbaza Imana.

Ikorociza Haruna, umwe mu bari mu murwi watunganije ico gikorwa arishimira uko vyagenze. Uwo avuga ko ihiganwa ry’incuro ya gatandatu ryazanye ibinduka nyinshi, muri izo Haruna aravuga ko ari ubwa mbere uwutsindiye iryo higanwa ahawe agashimwe k’amafaranga. Ikindi ashima kitari bwabe na rimwe, n’uko uwu mwaka hatowe ururirimbo rw’umukobwa kandi rwa "Gospel". Ikindi ciyongereye n’uko n’abakunzi b’Isanganiro batanze agashimwe kabo.

Tubamenyeshe ko Vestine atari yishikiye muri ico giteramo kubera atari mu gihugu c’Uburundi. Ubushimwe bugizwe n’ibahasha ry’umuriyoni w’Amarundi, imboneshakure "Ecran Plat 32" hamwe n’ibahasha ryatanzwe n’abakunzi b’Isanganiro ritamenyekanye ikirimwo. Kuri ivyo, hiyongerako gushigikirwa mu bikorwa vyiwe vyose vy’umuziki mu kiringo c’umwaka.

JPEG - 96.9 ko
Umumenyeshamakuru Marvin niwe yatowe ubushimwe bwa Vestine

Tubibutse ko iryo higanwa ryaheruka gutsindirwa na Spok’s.

Umviriza aha munsi ururirimbo "Vuga" rwaraye rutsinze ihiganwa


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.