Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Isanganiro Awards : Ni ubwa mbere hatsinda umwigeme n’ururirimbo rwa (...)
Isanganiro Awards : Ni ubwa mbere hatsinda umwigeme n’ururirimbo rwa "Gospel"
dimanche 12 Munyonyo 2017, par
Umuhingamo w’igenekerezo ry’icumi na rimwe Munyonyo waranzwe n’ibirori vyariko bibera ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika, ahitwa Lacoste Beach.
Mu mvura n’imbeho bivanze n’umuziki, umurwi utegura ihiganwa Isanganiro Awards warashoboye gutora ururirimbo rwa mbere mu ndirimbo icumi zashitse mu gice ca nyuma c’ihiganwa.

"Vuga" nirwo ruririmbo rwa mbere rwatsinze iryo higanwa. Rwaririmbwe na Anrison Vestine, rukaba ruri mu rukurikirane rwiwe rwa mbere yise "Freedom" rukaba rwakozwe n’umuhinyanyuzi Amir Pro wo muri Ikoh Multiservice. Ni ururirimbo ruri mu gisata c’indirimbo za "Gospel", indirimbo z’uguhimbaza Imana.
Ikorociza Haruna, umwe mu bari mu murwi watunganije ico gikorwa arishimira uko vyagenze. Uwo avuga ko ihiganwa ry’incuro ya gatandatu ryazanye ibinduka nyinshi, muri izo Haruna aravuga ko ari ubwa mbere uwutsindiye iryo higanwa ahawe agashimwe k’amafaranga. Ikindi ashima kitari bwabe na rimwe, n’uko uwu mwaka hatowe ururirimbo rw’umukobwa kandi rwa "Gospel". Ikindi ciyongereye n’uko n’abakunzi b’Isanganiro batanze agashimwe kabo.

Tubamenyeshe ko Vestine atari yishikiye muri ico giteramo kubera atari mu gihugu c’Uburundi. Ubushimwe bugizwe n’ibahasha ry’umuriyoni w’Amarundi, imboneshakure "Ecran Plat 32" hamwe n’ibahasha ryatanzwe n’abakunzi b’Isanganiro ritamenyekanye ikirimwo. Kuri ivyo, hiyongerako gushigikirwa mu bikorwa vyiwe vyose vy’umuziki mu kiringo c’umwaka.
- Umumenyeshamakuru Marvin niwe yatowe ubushimwe bwa Vestine


Tubibutse ko iryo higanwa ryaheruka gutsindirwa na Spok’s.
Umviriza aha munsi ururirimbo "Vuga" rwaraye rutsinze ihiganwa
Cherif NKESHIMANA