"Ivyahora bituma umwaka w’ishure uteba biriko biratorerwa umuti.’’- BANYANKIMBONA

Yanditswe na Oscar NDAYISHIMIYE
Kuya 1er mars 2018 saa 04:19
13980
0 0

Umuyobozi wa kaminuza y’uburundi avuga ko inyigisho z’umwaka wa kaminuza zigiye kunyaruka gusumba uko vyahora. Gaspard BANYANKIMBONA yizeza abarundi, ko ivyahora bituma umwaka w’ishure uteba, biriko biratorerwa umuti.

Mu birori vyo kwugurura umwaka w’inyigisho za kaminuza 2016 ushira uwa 2017, ibirori vyabereye mu ntara ya Gitega kur’uyu wa kane igenekerezo rya 01 Ntwarante 2018, Gaspard BANYANKIMBONA yavuze ko umwaka wa kaminuza wikwega, ariko ko ivyabituma bisa n’ivyatorewe umuti.

Gaspard BANYANKIMBONA, yamenyesheje ko, icatuma umwaka w’inyigisho uba muremure vyava ku mayegereyegere y’abanyeshure y’urutavanako, ndetse n’ikena ry’abigisha bakenewe mu bisata bitandukanye vya kaminuza y’uburundi.

Mu gutorera umuti izo yegereyegere, Gaspard BANYANKIMBONA, umuyobozi wa kaminuza y’uburundi, avuga ko hatowe umurwi wabanyeshure ujejwe gukurikirana ibibera muri kaminuza na cane cane mu banyeshure,iyo hari ikitagenda neza, uwo murwi ugaca ubishikiriza vyihuse mu buyobozi bwa kaminuza bikabona gutorerwa umuti vyihuse amazi atararenga inkombe.

JPEG - 121.9 ko
Ibirori vy’ugutanguza umwaka w’ishure mushasha vyatewe iteka ka Joseph BUTORE, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu c’Uburundi

Ku kibazo cerekeye ikena ry’abigisha mu bisata bitandukanye vyo muri kaminuza y’uburundi, uwo muyobozi arishimira igitigiri c’abigisha bahari, akavuga kandi ko kaminuza arongoye iriko iragerageza gukora ibishoboka kugira abigisha baboneke bose.

Ku ntambwe bagezeko yo gutorera umuti ibibazo vya kaminuza, Gaspard BANYANKIMBONA yamenyesheje ko umwaka w’inyigisho uheze wamaze igihe gito bagereranije n’iyindi myaka.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha