IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > "Ivyashikirijwe na Sylvestre NDAYIZEYE si ivyo gufata minenerwe"

"Ivyashikirijwe na Sylvestre NDAYIZEYE si ivyo gufata minenerwe"

mercredi 26 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Tasiyano SIBOMANA avuga ko muvyashikirijwe n’uwuzerukira Imbonerakure, bitangaje kuba yabirorereshe ku moko, iyo nayo igashobora kuba iyindi mbarutso y’ukugirirwa nabi kwa Domisiyano NDAYIZEYE.

"Kumwita icitso aba ariko yerekana ko umuhutu wese atavuga rumwe na CNDD FDD ari nyagupfa, ari uwo gucira ku buhomba. Niho mbere duca tubona ingendo y’uguturubika, y’ugupfunga, y’ukwica, n’ukuboreza igufa abanywanyi b’urunani AMIZERO Y’ABARUNDI. Nta kindi bigamije atari ukwerekana ko umuhutu wese wo mu Burundi ategerezwa kuba kumwe na CNDD FDD."

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, Tasiyano SIBOMANA yamenyesheje ko bitangaje kandi kubona n’umugambwe CNDD FDD ubicishije ku muvugizi wawo, Nancy Ninette MUTONI, wemeje ko ushigikiye ivyakirijwe na Sylvestre NDAYIZEYE.

"N’imbonerakure itari yashoboye gushika i Bujumbura yaraye yumvise ivyashikirijwe n’umugambwe CNDD FDD ku wahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi Domisiyano NDAYIZEYE.

JPEG - 19.5 ko
Umunyeporitike Tasiyano SIBOMANA

Mu myiyerekano y’ukwerekana inguvu z’umugambwe CNDD FDD yabaye kuri uwu wa gatandatu mu gisagara ca Bujumbura, Sylvestre NDAYIZEYE arongoye imihari ikomoka ku mugambwe CNDD FDD, harimwo n’Imbonerakure, mw’ijambo yashikirije inyuma y’iyo myiyerekano, yamenyesheje ko impanuro uwahoze arongoye Uburundi, Domisiyano NDAYIZEYE aheruka guha Imbonerakure za CNDD FDD batazikeneye.

Sylvestre NDAYIZEYE yavuze ati : "Ururimi rugasubira kumunyerera tuzomukorerako kugira amenye ico yubaha. Akeneye kuba icitso c’Ababirigi aragenda wenyene. Ntituzomuha agahengwe."

Sylvestre NDAYIZEYE yabwiye Domisiyano NDAYIZEYE ko ata cirwa afise atanga ku Mbonerakure, kuko ata mwana wiwe ariyo, atawigeze kubayo, kandi ntakahabe, nk’uko vyavuzwe n’iyo ndongozi y’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD.

Yamubwiye ati : "Arakebura abiwe yavyaranye na ODA ariko abasigaye abareke kuko nta mwana wiwe ari ngaha mu Burundi. Amenye ko ari Sogokuru, ariko ububegito bwiwe adashobora kuburaga Imbonerakure."

Ku kibazo c’Uburundi n’Urwanda, Domisiyano NDAYIZEYE yahanuye impande zompi ko zoganira : "Umuti sukubandanya baterana amajambo, umuti n’uko umwe ahaguruka akagenda ku wundi akamubwira ati mbega ikibazo kimeze uku nuku nuku, ntiworaba ukuntu tubitorera inyishu?"


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Ntagitangaje kirimwo uwo mu DD yitwa Syvestre Ndayizeye ni umwuzukuru wa CDR yishe abantu mu mu Rwanda,mugabo ayo majambo je no mushima ayavugiye ku Kanyaru hama RDF imwereke uko zambarwa

  • Sylvestre ubwenge bwiwe niho bugera yavuze ivyo ashoboye kuvuga kugira ashimishe petero nkurunziza yasa nuwutakimwizigira gose kuva aho niyombare abwiriye peter ko atarekuriwa kwitoza ubugira gatatu. None uwo muyobewe ko no kuri rajabu yahatswe kumukurikira habuze gato gose ??? Ahendande ?? Ni njiyobiri mugabo umutama domitien namuveko n’umugabo yabisikanije atarinze gusesa amaraso canke ngo yangaze abantu isinzi, canke ngo atume tuba icibwa mumakungu. Ivyo bijuju vy’aba DD bazokwisema bo nyene kuko n’abo bica umusi ugeze nabo bazopfa babasangeyo. Iyo mbwa ikuga kugira ironke aho yiba amahera nkuko yabigira akiri buramatari i karusi!!! Mauvais!!! Ahubwo uwukwiye gukorerwako n’uwo nyene sylvestre.kandi bizoba naho vyoteba gato.Assez avec ces vauriens

  • sha aho Sylvestre yarihenze kuko Domitien amurusha vyinshi, yomwigisha vyinshi cane, naho imbonerakure zozo zifise vyinshi cane zitigeze ziga ari naco gituma niwo Sylvestre ahagarara izuba riva agashikiriza amajambo nkayo, ererga uko n’ukutamenya!!

  • Uyo ni umwicanyi mubi cane. Agitwara i Karusi yaragisibije kuva kuri Pont Peke ujabutse Ruvubu uvuye i Gitega, kubandanya za Nyabibuye, mu Rusi n’ahandi. Igikenye ciwe kirindwa umubi. Eka CNDD-FDD yararonse abategetsi! Mugabo n’aho bari bahamuhaye ngo ahonye abatari mu mugambwe wiwe n’ubu barahari. Imanga ntimarira Imana.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.