Mu giporisi bamenyesha ko ababomoye iyo nzu bataramenyekana, ariko mu runani CNARED bakavyagiriza ubutegetsi bw’i Bujumbura. Amakuru ava aho mu ntara ya Kirundo avuga ko imiryango hamwe n’amadirisha y’iyo nzu yibwe.

Pancrace CIMPAYE, umuvugizi w’urunani CNARED amenyesha ko ibomorwa ry’iyo nzu yo kw’ihoteri ya Yohani MINANI ari urukurikirane y’urwanko n’ubugizi bwa nabi bukorerwa abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.
Yohani MINANI, umukuru wa CNARED akaba na mwene iyo hoteri yabomowe uruhande rumwe, amenyesha ko bitumvikana ingene iyo nzu yobomorwa, ababikoze ntibamenyekane kandi iri hafi y’inzu ya Buramatari w’intara ya Kirundo, ikikujwe n’ibirindiro vy’abaporisi. Kubwa Yohani MINANI, ivyakozwe bifitaniye isano n’itorwa ryiwe mu burongozi bwa CNARED, urunani rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bahunze Uburundi.
Ihoteri ya Yohani MINANI iri mu ntara ya Kirundo irugawe kuva mu mwaka wa 2016. Reta y’Uburundi yugaye iyo nzu, yagirizwa ko yakorerwamwo n’abahungabanya umutekano w’igihugu. Ico gihe iyo nzu yugarwa, Yohani MINANI niwe yaramutswa CNARED, akaba aheruka gusubira gutorwa muri ubwo burongozi.
Jean Minani niyihangane,birazwi ko ari Imbonerakure zahabomoye,CNDD-FDD izosiga ibomoye vyose kandi itegeko ryaratanzwe kumurango riva,bazokwitaba CPI ntakintu na kimwe kigihagaze mu gihugu