IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Kirundo : Ihoteri y’umukuru wa CNARED yabomowe

Kirundo : Ihoteri y’umukuru wa CNARED yabomowe

lundi 4 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu giporisi bamenyesha ko ababomoye iyo nzu bataramenyekana, ariko mu runani CNARED bakavyagiriza ubutegetsi bw’i Bujumbura. Amakuru ava aho mu ntara ya Kirundo avuga ko imiryango hamwe n’amadirisha y’iyo nzu yibwe.

Pancrace CIMPAYE, umuvugizi w’urunani CNARED amenyesha ko ibomorwa ry’iyo nzu yo kw’ihoteri ya Yohani MINANI ari urukurikirane y’urwanko n’ubugizi bwa nabi bukorerwa abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Yohani MINANI, umukuru wa CNARED akaba na mwene iyo hoteri yabomowe uruhande rumwe, amenyesha ko bitumvikana ingene iyo nzu yobomorwa, ababikoze ntibamenyekane kandi iri hafi y’inzu ya Buramatari w’intara ya Kirundo, ikikujwe n’ibirindiro vy’abaporisi. Kubwa Yohani MINANI, ivyakozwe bifitaniye isano n’itorwa ryiwe mu burongozi bwa CNARED, urunani rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bahunze Uburundi.

Ihoteri ya Yohani MINANI iri mu ntara ya Kirundo irugawe kuva mu mwaka wa 2016. Reta y’Uburundi yugaye iyo nzu, yagirizwa ko yakorerwamwo n’abahungabanya umutekano w’igihugu. Ico gihe iyo nzu yugarwa, Yohani MINANI niwe yaramutswa CNARED, akaba aheruka gusubira gutorwa muri ubwo burongozi.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Icivugo caratanzwe: kora, rima, bomora, mena n’iziri mu magi. Iyo parcelle ni nde azoyitahukana? Ngira mwibagiye ko n’imbere ya 2015 baturira amasoko. iyo ni intango.

  • Turabaramukijwe mwese bakunzi b’urubuga rwa igihe.bi. nagomba nanje nterere iciyumviro nkuko n’abandi bene data baterera.
    Ubwambere ndababajwe n’iyo nyubakwa y’uwo munyepolitique Jean MINANI yabomotse ibomowe n’abagizi ba nabi abaribo bose kuko bariko barasongera isibe ry’ibomoka ry’iyo nyubakwa kuko yoyo yonyene yariko irabomagurika kubera ukutitabwaho na beneyo.
    Ubwakabiri nagomba mfashe gutahuza bamwe bamwe kumbure bataratahura ko inzu iyo atawuyibamwo ngo ayikorere isuku irasambuka vuba na vuba. Tugasaba rero ko abafise amazu barahunze ko boyashinga abantu bakaba barayakoreramwo kugira bayafashe mukuyakingira.
    Ubwagatatu, abanyapolitique turabasavye bareke guteza ingorane mu gihugu kuko badusubiza inyuma mw’iterambere bigtatuma tuguma turira imyaka yose ngo Uburundi turakenye kandi vy’ukuri dusubizwa inyuma n’ubujagari duterwa n’abo banyapolitique babi badahira ineza y’abenegihugu imbere.
    Ubwakane, twebwe abene gihugu turaruhijwe n’ubutagondwa bw’abo banyapolitique batagomba kwitaba ibiganiro kugira bavugane n’abandi intumbero zoza zirafatirwako z’ukuntu ubujagari bukunda kuba mumatora mbere n’inyuma yayo bugatuma n’agateka ka zina muntu kaguma gahungabana kubera guhahamira ubutegetsi kandi bakagomba kubushikira biciye munguvu vyohagarara, umwe wese akazoza ararya ivyo yabiriye akuya canke agashikira ubutegetsi abuhawe n’abene gihugu.
    Ubwagatanu aribwo bwanyuma dusavye benewacu bahenzwe n’abanya politique batagomba amatora bagatuma bagorerwa mumakambi y’impunzi atandukanye ko bokwitahira bakaza kwubaka igihugu cabo c’amavukiro, uwuzi kurima akarima; uwuzi kudandaza akadandaza; uwukina politique agakina politique, umwe wese muvyo rugira yamuhaye nk’ingabirano, kuko Uburundi buzotezwa imbere n’ibikorwa vyacu bitandukanye. Murakoze

  • Jean Minani niyihangane,birazwi ko ari Imbonerakure zahabomoye,CNDD-FDD izosiga ibomoye vyose kandi itegeko ryaratanzwe kumurango riva,bazokwitaba CPI ntakintu na kimwe kigihagaze mu gihugu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.