"Kuvuga ko umukuru w’igihugu umutwara muri CPI.. Mu Burundi tuzoronka amahoro ?"

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 12 septembre 2017 saa 09:15
Yasomwe : 40941
0 0

Ihuriro ry’imigambwe yemewe n’amategeko mu Burundi (FDP : Forum Permanent du Dialogue des Partis Politiques) rimenyesha ko icegeranyo casohowe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku bijanye n’agateka ka zina muntu gishobora gucanishamwo amoko mu bajejwe umutekano. Muri iryo huriro bavuga kandi ko mu gihe ivyasabwe na ONU vyokorwa, ko hashobora kwanduka ingwano mu Burundi.

Mu cegeranyo ca ONU ku bijanye n’agateka ka zina muntu bamenyesha ko abahoze mu gisirikare ca kera (Ex FAB) bakozweko cane n’ubugizi bwa nabi bwabaye mu Burundi kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015 hatanguye imyiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Mu gihe abahoze mu gisirikare ca kera bagizwe ahanini n’abo mu bwoko bw’Abatutsi, Félicien NDUWUBURUNDI, umukuru w’ihuriro ry’imigambwe yemewe n’amategeko mu Burundi avuga ko ivyo bishobora gucanishamwo Abahutu n’Abatutsi bari mu nzego z’umutekano, kuko ubwoko bumwe buca bubonwa nk’inkozi z’ikibi, ubundi bukibona nk’ubwahohotewe.

Félicien NDUWUBURUNDI aho agira ati : "Muri ico gihe baba bariko baracanishamwo abajejwe umutekano."

Mu cegeranyo ca ONU mu bijanye n’agateka ka zina muntu baravuga amazina y’abagirizwa ubugizi bwa nabi bwabaye mu Burundi, n’imitahe mpuzamkungu y’ukubahagarika ikaba ishobora kuzosohoka. Muri urwo runani bamenyesha ko ata murundi yogira amahoro mu gihe abo bategetsi b’Uburundi bohagarikwa na Sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Félicien NDUWUBURUNDI : "Ntimubona ko abarundi bose tugeramiwe ? Kuvuga ko umukuru w’igihugu, uwutwara iperereza, umushikiranganji wo kwivuna abansi, uw’umutekano, abarongoye zirya nzego zose zigize igihugu, barya bantu bose ubatwaye muri CPI, mu Burundi tuzoronka amahoro ? Abo bose bafashwe bagapfungwa ni nde yoronka amahoro mu Burundi"

JPEG - 53.3 ko
Félicien NDUWUBURUNDI, umukuru w’ihuriro FDP ry’imigambwe yemewe n’amategeko mu Burundi

Imigambwe ihurikiye muri iryo huriro FDP irashikiriza kandi utunenge yabonye mu cegeranyo c’abahinga ba ONU. Muri utwo harimwo ukwiyamiriza uburyo abagize uwo murwi bakoresheje kugira baronke ayo makuru (Méthodologie), imvugo muri iryo huriro bita "Ndenzarugero" yakoreshejwe mu kwerekana ivyaha vyakozwe canke abakoze ivyo vyaha, ukuryohera abatavuga rumwe n’ubutegetsi mu kwerekana ivyaha, ariko ivy’abari ku butegetsi ntibivurwe, ukuntu abo bahinga bavuga ko ivyaha vyakozwe vyohanirwa muri Sentare mpanavyaha mpuzamakungu, kandi ubutungane bw’Uburundi bwikwiye, nk’uko muri iryo huriro bavyemeza.

Iyo migambwe ivuga ko Uburundi buzokwikora ku bindi bihugu basanzwe bacuditse, kugira bifashe ivyasabwe na ONU ko Sentare mpanavyaha mpuzamakungu yotanguza amatohoza mu Burundi ntibikorwe.

Uburundi bwasavye ko bwova muri Sentare mpanavyaha mpuzamakungu kw’igenekerezo rya 27 Nyakanga 2016. Kuri iryo genekerezo nyene, muri uwu mwaka, niho bizokwemezwa ku mugaragaro ko Uburundi butakiri muri iyo Sentare. Muri ico gihe CPI nta bubasha na bumwe izoba igifise ku Burundi.


Kumenyekanisha

1
Kazungu Benjame 17-09-2017 à 07:17

Azogume ngaho murutara ntazahirahire rwasohoke, azobona urwinkoko yaboneye kumugezi.

2
kigabo jean marie 14-09-2017 à 18:47

ariko nshima peter yamenye ubwenge hakiri kare kuko atakirenga irembo mbe Interpol yomufata gute adasohoka inzu ?

3
Kararuza 12-09-2017 à 16:07

Mr Felicien,ivyo uvuga ntavyo uzi abobose wavuze babategetsi guhera kuri Peter n’akarwi kiwe bazorengutswa boba ari bazima canke ari imivyimba,rindira gatoyi CPI itange imyirondoro yabo ubundi Police Interpol ikore akazi kayo nkuko abatikije inganda mu Rwanda vyagenze,tout se paie ici bas

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha